Thursday, June 8, 2023
HomePoliticsUmugambwe CNL urahoza imiryango y-abanyororo bapfiriye mw-isanganya ry-umuriro mw-ibohero rikuru rya Gitega.

Umugambwe CNL urahoza imiryango y-abanyororo bapfiriye mw-isanganya ry-umuriro mw-ibohero rikuru rya Gitega.

Umushingamateka Agathon RWASA yarahojeje  kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 8 Kigarama 2021 imiryango yabuze abayo inyuma y-isanganya ry-umuriro wadutse mw-ibohero rikuru rya Gitega.26 Agathon Rwasa Videos and HD Footage - Getty Images

Mw-itangazo yateyeko umukono, kw-izina ry-umugambwe CNL arongoye, Agathon RWASA asaba Leta y-uburundi gushingurana iteka abanyororo bahitanywe n-iryo sanganya harimwo no kuvuza abakomeretse  hamwe no gufata ingingo zikingira abanyororo no kugabanya ibitigiri vy-umurengera vy-abafunzwe mu mabohero atandukanye yo mu gihugu c-uburundi.

Naho umushingamateka Agathon RWASA asaba ko abapfiriye mw-iryo sanganya ry-umuriro bashinguranwa iteka,  amakuru ava mu ntara ya gitega ndetse akanemezwa na bamwe mu bajejwe intwaro avuga ko abanyororo bishwe n-uwo mucanwa baza barashinguwe mw-ijoro ryo kuri uyu wa kabiri mw-itongo ry-abapfuye rya Rutoke riri muri komine n-intara ya Gitega.

Tubamenyeshe ivy-iryo sanganya ry-umuriro ryashitse mw-ibohero rikuru rya Gitega ririko rivurwako vyinshi na bamwe mu barundi uhereye ku kuntu igipolisi n-abajejwe intwaro batabangutse kuza gutabara abanyororo igihe uwo muriro wariko uzana inguvu inyishi. Ikindi , ni ukuntu hatariko hatangwa ibitigiri vy-ukuri vyabahasize ubuzima hamwe n-abakomeretse  ni mugihe amakuru ava mu bacitse kw-icumu mw-iryo sanganya hamwe n-ishirahamwe APRODH,riraba ivy-agateka k-abanyororo bose bemeza ko igitigiri ca 38 c-abapfuye catanzwe na Leta kitandukanye cane n-ukuri bafise.

 

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...