Umushingamateka Agathon RWASA yarahojeje kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 8 Kigarama 2021 imiryango yabuze abayo inyuma y-isanganya ry-umuriro wadutse mw-ibohero rikuru rya Gitega.
Mw-itangazo yateyeko umukono, kw-izina ry-umugambwe CNL arongoye, Agathon RWASA asaba Leta y-uburundi gushingurana iteka abanyororo bahitanywe n-iryo sanganya harimwo no kuvuza abakomeretse hamwe no gufata ingingo zikingira abanyororo no kugabanya ibitigiri vy-umurengera vy-abafunzwe mu mabohero atandukanye yo mu gihugu c-uburundi.
Naho umushingamateka Agathon RWASA asaba ko abapfiriye mw-iryo sanganya ry-umuriro bashinguranwa iteka, amakuru ava mu ntara ya gitega ndetse akanemezwa na bamwe mu bajejwe intwaro avuga ko abanyororo bishwe n-uwo mucanwa baza barashinguwe mw-ijoro ryo kuri uyu wa kabiri mw-itongo ry-abapfuye rya Rutoke riri muri komine n-intara ya Gitega.
Tubamenyeshe ivy-iryo sanganya ry-umuriro ryashitse mw-ibohero rikuru rya Gitega ririko rivurwako vyinshi na bamwe mu barundi uhereye ku kuntu igipolisi n-abajejwe intwaro batabangutse kuza gutabara abanyororo igihe uwo muriro wariko uzana inguvu inyishi. Ikindi , ni ukuntu hatariko hatangwa ibitigiri vy-ukuri vyabahasize ubuzima hamwe n-abakomeretse ni mugihe amakuru ava mu bacitse kw-icumu mw-iryo sanganya hamwe n-ishirahamwe APRODH,riraba ivy-agateka k-abanyororo bose bemeza ko igitigiri ca 38 c-abapfuye catanzwe na Leta kitandukanye cane n-ukuri bafise.