NEWS

Umugambwe CNL umenyesha ko ugendera ingendo ya demokarasi

By

on

Iryo tangazo rikaba ryasomwe mukiganiro umuvugizi w’uwo mugambwe CNL urongowe na Agathon Rwasa mu kiganiro wagiranye n’abamenyeshamakuru kur’uyu wa kane ku ngoro yawo nkuru iri i Bujumbura. Iryo tangazo rikaba ryateweko umukono n’umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe, Simon Bizimungu.

Umuvugizi w’umugambwe CNL, Therence Habonimana, akavuga ko uwo mugambwe umaze gushira ingoro zawe m’Uburundi bwose arivyo biteye ubwoba iyindi migambwe bizohiganwa mu matora yo mu 2020. Yamenyesheje ko ingoro 50 z’uyo mugambwe zimaze gusamburwa mu mezi atandatu.

Therence Habonimana arasaba ihagarikwa ryo kubomora ingoro z’uwo mugambwe agasaba ishigwaho ry’umugwi uzokora amatohoza ku ngene izo ngoro zisamburwa. Aributsa kandi ko uwo mugambwe ugendera ingendo ya démokarasi ishingiye ku matora no gushikiriza ivyiyumviro bitandukanye ko atamirwi irwana ikoresha.

Umuvugizi w’umugambwe CNL arasaba amakungu gukurikirana hafi ingene amatora yo mu 2020 ariko arategurwa. Uwo munyamabanga mukuru w’umugambwe CNL arasaba kandi irekurwa ry’abafunzwe bazira ibikorwa vy’uyo mugambwe CNL. Aramenyesha ko abanywanyi 600 b’uwo mugambwe bamaze gufungwa bazira ibikorwa vy’uyo mugambwe.

 

Recommended for you