NEWS

Umugambwe CNDD FDD washizeho umurwi wamaho ujejwe gutegura amasengesho

By

on

Umugambwe CNDD FDD washizeho umurwi wamaho ujejwe gutegura amasengesho muri uwo mugambwe. Uwo murwi ugizwe n’abantu 12 bo mu mugambwe CNDD FDD, igikorwa bafise kikaba ari ico gutunganya amasengesho ahuza amadini yose igihe cose bizoba bikenewe, gushikiriza umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD ikirangaminsi c’ayo masengesho, hamwe n’aho yobera.

Umukuru w’uwo murwi ni umushingamateka NICIMBESHA Laurent, icegera ciwe akaba ari NGENDAKUMANA Didace. Umunyamabanga w’uwo murwi nawe ni GACUTI Nadine asanzwe ari Buramatari w’intara ya Bujumbura benshi bita “Rural.”

Abandi bagize uwo murwi (Les membres) ni umushingamateka MVUYEKURE Lazare, umushingamateka NJEBARIKANUYE Spes Caritas asanzwe ari icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nkenguzamateka, umushingamateka UWIMANA Ibrahim, umushingamateka BUCUMI Emerence, NAKUMURYANGO Salvator, ITERITEKA Joseph asanzwe ari Buramatari w’intara ya Cibitoke, NKURIKIYE Ramadhan, NIYUKURI Gad asanzwe ari Buramatari w’intara ya Makamba, hamwe na NTAHONDEREYE Bosco.

Recommended for you