NEWS

Umugambwe CNDD-FDD usaba abasenyeri ba Katorika kudomako urutoke

By

on

Ku mbuga ngurakana bumenyi bwa Twitter, Evariste Ndayishimiye, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, uri kubutegetsi m’Uburundi, asaba ko abasenyeri basohoye itangazo kur’uyu w’Imana kukungene amatora yo mu 2020 ariko arategurwa ko batofatira hamwe abagumyabanga ngo babagirize amabi. General Evariste Ndayishimiye batazira Neva akabona ko iryo tangazo rishobora kuvyimvya umutima abatekanye.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD avuga ko adashobora kubuza abasenyeri gushikiriza iciyumviro bafise kubuzima bw’igihugu, akavuga ko vyoba bitandukanye n’ingendo ya demokarasi. Evaritse Ndayishimiye mu gihe yari mu ntara ya Bujumbura bita Bujumbura rural yavuze ko  iryo tangazo rije gucafuza urwaruka rwo mur’uyo mugambwe barwagiriza amabi atandukanye. Akaba yaciye abaza aho nyene mur’iyo province ya Bujumbura ko imigambwe ibanye nabi canke neza, ati uwufise ikibazo aze bagikemure.

Abo basenyeri mwitangazo ryabo bakaba basavye ko ubwigenge bwo gutunganya imigambwe itandukanye bwokubahirizwa mu ntumbero yo gutegura amatora atekanye mu mwaka w’i 2020. Evaritse Ndayishimiye akaba yaribukije ko abarenga 80 kwijana b’abarundi ari abakatorika ko nabo bakwiye kwisubirako. Abasenyeri ba Katorika nabo bakaba basavye ko abasore n’inkumi bakiri bato batokwinjizwa m’uvyimigambwe.

Recommended for you