NEWS

Umugambwe CNDD-FDD Urizeye Ibizova Mu Matora Y’Ibwirizwa-Shingiro.

on

Umunyamabanga musubirizi w’umugambwe CNDD-FDD, Joseph Ntakarutimana, yamenyesheje ejo ku musi wa kabiri, ko umugambwe uri ku butegetsi uzokora igikorwa co kurarika abanywanyi n’abo bose biyumvamwo umugambwe uri ku butegetsi kuzotora “EGO ari benshi gose” mu matora yimirije yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro ryo mu mwaka wa 2005 ku wa 17 Rusama 2018.

Igihe umugambwe CNDD-FDD wari uhejeje kwiyandikisha muri aayo matora hamaze gusohorwa ingimgo ngenderwako zigenga imigambwe yiyandikishe kugira izokore isekeza ryo guhimiriza abanywanyi bayo gutora “EGO” canke “OYA”, yaramenyesheje ko wizeye ibizova muri ayo matora.

Imigambwe ishika kuri 14, myinshi muri yo yegereye cane umugambwe uriku butegetsi, iramaze kwiyandikisha mu murwi ujejwe gutegura amatora CENI, iyindi migambwe ikaba ifise ikiringo co gushika itariki 6 Ndamukiza 2018 kuba yiyandikishije muri CENI kubwo kuzokurikirana amatora yo ku wa 17 Rusama 2018.

Joseph Ntakarutimana amenyesha n’ukwizera kwinshi ati: “Turamenyereye cane amasekeza y’amatora, ubwa mbere guhera mu mwaka wa 2005, hanyuma mu 2010, n’ubuheruka mu mwaka wa 2015; ni ugutanga gusa ikimenyetso ku banywanyi bacu kugira basidukane n’iyonka bagenda gutora “EGO”, ‘EGO”, baririmba”.

Naho urunani rw’abatavuga rumwe na leta, CNARED rwamirira kure iyo ngendo yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro, Joseph Ntakarutimana wewe yamenyesheje ati: “Abo muri CNARED bari ku bilometero 10 000 uvuye mu Burundi kandi barafise uburenganzira bwo kuvuga OYA nk’uko babona. Twebwe turi mu gihugu turazi uko amatora nk’ayo uko agenda kandi tuzotora EGO. Tuzoraba mu nyuma uko bizogenda”.

Recommended for you