NEWS

Umugambwe CDP wasubiye kwemererwa gukorera mu Burundi

By

on

Inyuma yaho Anicet Niyonkuru, atwara umugambwe CDP akongera akaba umunyamabanga mukuru n’umuvugizi w’urunani CNARED amenyesheje ko abagize urwo runani bipfuza gutaha  kugira baje mu matora yo mu 2020, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwasohoye itegeko kur’uyu wa gatanu rivuga ko uwo mugambwe usubiye kwemererwa gukora kumugaragaro mu Burundi.

Umukuru w’urunani CNARED, Dr Jean Minani, nawenyene yaciye avuga ko ico ciyumviro cashitsweko mu manama yabaye hagati yabagize urwo runani. Ati hamwe Leta y’Uburundi twoganira kugira dutahe mu mutekano twokwitaba amatora yo mu 2020.

Icegera cambere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo, nawe yarateye akamo abanyepolitike bari hanze gutaha, ati niyo politike ya leta arimwo ati ariko bazotaha bumvirizwe uwo ubutungane nabwo buzotumako ari hanze canke mu Burundi azobwitaba. Mwomenya ko hakiri imigambwe yankiwe gukore kubutaka bw’Uburundi hamwe n’abanyepolitike bafise imitahe ibarondera ibagagiriza imyiyerekano yo mu 2015 hamwe n’ihakwa guhirika ubutegetsi.

Recommended for you