NEWS

Umugambwe ANC warasubiy’inyuma mu matora naho watsinze

By

on

Uwo mugambwe w’umuhisi Nelson Mandela uri k’ubutegetsi kuva mu mwaka w’i 1994 aho washikana Président Nelson Mandela yari imbohe ya poritike mu Afrika yepfo k’ubutegetsi. Kur’uyu wa mungu mu matora y’abashingamateka ukaba washikanye ibice 57 kw’ijana, ukaba mugambwe ufise abashingamateka benshi. Aho ni mugihe mu myaka iheze uwo mugambwe wahora urenza ibice 60 kw’ijana. Ivyo bikaba vyateye amakenga président Cyril Ramaphoza, atwara muri kino gihe igihugu ca Afrika Yepfo.

Umugambwe Allinace Démocratique ‘’DA’’ waronse ibice 21 kw’ijana mu mwaka uheze waronse ibice 22 kw’ijana. Uyo mugambwe ugwiriyemwo abazungu ukaba ubangamiwe no kutumvikana mu ndongozi zawo, ukaba utashoboye gutwara amajwi y’abirabure. Umugambwe wa Julius Maniema witwa Combattants pour la Liberté Economique ukaba waraduze uva kumajwi 6 kw’ijana uja kw’i 10 kw’ijana.

Abahinga mu vya poritike ya Afrika Yepfo babona ko umugambwe ANC udashoboye gukemura ibibazo vy’ubutunzi, ubushomeri, ibiturire, ushobora kuzotsindwa mu myaka iza kuko abanyagihugu benshi babanyafrika yepfo n’urwaruka benshi batabonye intwaro karyanishamiryango yagwanijwe cane n’umugambwe ANC iwutuma ushika k’ubutegetsi.

Recommended for you