INTERNATIONAL NEWS

Umugambwe ANC wahaye Jacob ZUMA amasaha 48 kugira akinjure.

By

on

Inama idasanzwe y’abagize urwego nshingwantwaro rw’umugambwe uri k’ubutegetsi muri Afirika y’epfo ANC yakoranye k’umusi w’ejo uheze bivugwako Jacob ZUMA yahawe amasaha 48 kugira atange amihoho naho ivyavuye muriyo nama bitamenyeshejwe.

Amakuru amenyeshwa ko inama yabaye ku munsi w’ejo yari yategekanijwe kumara umwanya muto ariko yahavuye imara amasaha 13 ivyafunditswemwo bikaba vyagizwe ibanga.

Bivugwako mu masaha ya sayine n’igice z’ijoro, Cyril Ramaphosa yarasohotse ava mu nama agana ku kirimba c’umukuru w’igihugu aho ivyo baganiriye na Jacob Zuma bitaramenyekana.

Umukuru w’umugamwe ANC yahavuye asubira mu nama akaba yatashe igihe c’isaha icenda z’ijoro.

Amakuru atangwa n’ibimenyeshamakuru vyaho muri Afirika y’epfo amenyeshako uburongozi bwa ANC bwasavye Jacob Zuma gukinjura ku butegetsi, bikanugwanugwa ko yoba yongewe amasaha 48 kugirango afate ingingo yo gutanga imihoho ku bushake bwiwe, atari ukwo umugambwe ANC ugategekanya gusaba inama nshingamateka kumukura k’ubutegesti biciye mu matora.

Cyril Ramaphosa aramutswa uburongozi bw’umugambwe ANC mu mpera z’indwi iheze yari yijeje abanyafrika y’Epfo ko ikibazo kigiye gutora inyishu mu maguru masha, ariko nubu akaba ata kirakorwa.

Jacob ZUMA amaze imisi asabwa ko yokinjura ku mwanya w’umukuru w’igihugu inyuma yaho yagirijwe no kurya igiturire na cane cane ko amafaranga yakoresheje mu kubaka inzu yiwe igezweho aho avuka bivugwako yayakuye mu kigega ca Reta.

Recommended for you