Umugambi wo gutoza intererano zo kwubaka ingoro y’umukuru w’igihugu i Gitega uriko utera amakenga menshi abakozi ba Leta. Umushahara w’ukwezi kwose maze ukarihwa mu bice bitatu niwo woba uriko urasabwa n’abajejwe ibisata mu bakozi batandukanye bo mu kazi ka Leta na cane cane abo mu gisata c’ubutungane mu ntumbero yo gushigikira umugambi wo kwubaka ingoro y’umukuru w’igihugu izoba iri mu ntara ya Gitega.
Amakuru ava mu bisata bitandukanye vyo mu bushikiranganji bw’ubutungane avuga ko impapuro zerekana ukwo batanze izo ntererano zimaze imisi zitangwa, ndetse hakaba haranashinzwe n’abajejwe kwegeranya ayo mafaranga muri ivyo bisata. Ayo mafaranga angana n’umushahara w’ukwezi ku mukozi umwumwe azorihwa mu bice bitatu ,bisigura ko azotangwa mu mezi atatu uhereye muri kuno kwezi kwa Mukakaro gushika muri Nyakanga uy’umwaka.
Izo mpapuro ziriko ziratangwa zigizwe n’ibigabane bitandatu vyerekana inimero y’umukozi bita «numéro matricule» mu rurimi rw’igifaransa, amazina yiwe, ico ajejwe, igitigiri c’amafaranga asabwa gutanga, ikiringo c’ayo mezi atatu umukozi azoyatangirako , umukono wiwe hamwe rero n’ikigabane cerekana ibizoba vyihwejwe ukungene abo bakozi bazogenda baratanga uburyo ivyo bita mu rurimi rw’igifaransa «Observation».
Ku ruhande bw’abakozi, bamenyesha ko abatari bake batakiriye neza uwo mugambi kandi ko naho bowubahiriza bobikora ku bwoba bwo kugirirwa nabi .Bakamenyesha kandi ko bafise impungenge ko Leta ishobora gukata ayo mafaranga ku mishahara yabo ku nguvu gutyo kwanka kuyatanga bikaba impfagusa.