Umugabo wumurundi aba mugisagara ca Amarillo muntara ya Texas aheruka gukora ibintu twakwita guhohoretera ikiremwa muntu kuko yasambanije umukobwa wiwe yavyaye kunguvu. UBM NEWS tukaba tubabwira inkuru yose muko imeze.
Nkuko igipolisi gikorera muri Amarillo Texas cabimenyesheje, bo bavuga yuko uwo mugabo ko yafashwe mumpera zo mukwakane kandi ko ikintu yakoze ko bategerezwa kukimuhanira bisunze amategeko.
Uyu niwe mugabo wumurundi yafashe umwana wiwe kunguvu amukorera ivyanfurambi.
Yafashe umwana wiwe kunguvu kubera umugore wiwe yamaze gupfa.
Bamwe mubo twashoboye kuganira bakaba bavuze yuko uwo mugabo ikintu yakoze ko atanumwe cashimishije kandi ko iyo haba hariho umugore wiwe ko atari kubikora..
Ibintu yakoreye umukobwa wiwe birabaje, niwiyunvire umugabo afata kunguvu umukobwa wiwe yivyariye ? biteye isoni. ivyo rero babivuga bashavuye bashaka no gukorora amasozi kubwumubabaro mwinshi.
Nyakwigendera Valeria yahoze ari umugore wuwo mugabo 1971-2011
Reka tubabwire bimwe bijanye numuhisi Valeria Kabagwira
Valeria yavukiye mu Rwanda mumwaka wi 1971 abavyeyi biwe bitwa Ntagora Sebastien hamwe na Uwimana Christina, Valeria mubuzimwa bwiwe yari umuntu yakundwa nabantu benshi kandi yari afise umutima mwiza. Inyuma Yintambara imaze kuba murwanda,Valeria yahungiye mugihugu ca Tanzania ariko aza kugirirwa ubuntu bwo kuza hano muri America aho baciye bamushikiza muri Amarillo Texas.
Valeria amaze gushika muri Amarillo Texas niho yaciye yiyunga ni kanisa yabarundi yitwa ” Congregation of First Baptist Church ” aho yabandanije akorana nabarundi neza cane kuburyo nubu bamwe iyo bibutse urukundo yari afise kandi nukuntu yakora igikorwa c’Imana neza baca barira kuko babuze umuntu ngirakamaro.
Valeria yabana numugabo wiwe Nzirubusa Anselme hamwe nabakobwa babiri nabahungu batatu, abakobwa akaba ari Uwizeyimana VIOLETTE na Uwimana Costasia abahungu nabo akaba ari Hakizimana Vicent, Minari Alexis, na Nkabandi Even, murabo bakobwa rero hakaba harimwo umwe uwo mugabo yafashe kunguvu.
Ubuzima bwuno mugore bwarangiye nabi kuko vyunvikana ko yagonzwe nimodoka yomubwoko bwi track. Valeria yapfuye afite imyaka 40 , hari kuwagatanu itariki 27 zukwezi kwa gatanu mubi 2011. aho rero tukaba twari tubajishirije kumayange ubuzima bwaranze uno mugore ariko reka tugaruke kunkuru twari turiko.
Nzirubusa Anselme” wimyaka 42 yamavuko ubu akaba afungiwe mugasho ko muri Amarillo Texas kandi abapolisi bakaba bavuze ko uwo mugabo bazomuhana bikongera bikaba icigisho kubandi bafite ingeso nkiyo.
Umucamanza womuri Amarillo akaba yaciriye uwo mugabo igifungo cimyaka 20 ari mugasho hamwe nokuriha amadolar $ 50.000 yo guhoresha uwo mukobwa yakorewe ivyo bintu.
UBM News igiriyeho ibibutsa yuko ico kintu uwo mugabo yakoze ko kibaye icambere cibonekeje hano muri Texas kuko atamurundi numwe yari bwubahuke gukora ikintu kimeze nkuko kandi UBM News itanze Pole kuruwomukobwa yashikiwe nibi bintu ariko abasenga babandanye basenga kuko Satani yahagurukiye abarundi baba hano muri America. Posted by Eric Nyandwi.