NEWS

Umucamanza yifotoje yicaye ku ntebe ya Petero NKURUNZIZA ari mw’ibohero

By

on

Egide NAHAYO, umucamanza wo muri Sentare ijejwe gusubiramwo imanza ya Bujumbura apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba haraheze indwi zitatu, akaba yafashwe inyuma y’inama nkuru y’ubucamanza yaremeshejwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA kw’igenekerezo rya 10 Kigarama 2018.

Uwo mucamanza yafashwe inyuma y’amafoto yiwe yahanahanwe n’abakoresha imbuga ngurukanabumenyi, kuri ayo mafoto uwo mucamanza akaba yaboneka yifotoje yicaye ku ntebe y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, intebe yari yicayeko ariko agirisha iyo nama, uwo mucamanza nawe akaba yayicayeko inyuma y’iyo nama.

N’aho abakorana n’uwo mucamanza bemeza ifatwa n’ipfungwa ryiwe, bamenyesha ko yoba yarigirizwa ahubwo ko ariwe yakwiragije amakuru y’ivyavugiwe muri iyo nama nkuru y’ubucamanza, kandi mu mategeko yari amabanga y’akazi.

Recommended for you