INTERNATIONAL NEWS

Umubonanpo wa Trump na Kim watanguye. Isi yose iriko ivyihweza.

on

Umubonano usa n’uwari witewzwe n’isi yose ni uwuba hagati y’abategetsi babiri bahora babonana nk’imbwa n’akagomba ariko uyu musi wa kabiri 12 Ruheshi 2018 bakaba bicaye ku meza imwe y’ibiganiro. Nabo ni Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Kim jong Un wa Koreya ya Ruguru.

Trump ivyo asaba Kim Jong un si vyinshi, bikaba bihagaze gusa ko Koreya ya ruguru ‘yovavanura buhere n’ibigwanisho ruhonyanganda kandi ata kwivuguruza’.

Bahavuye baramukanya n’igishika…

Bikaba bimaze kuja ahabona ko Koreya ya Ruguru yemera ivyo Trump asaba, ariko Kim Jong Un akaba asaba ‘umuhango wo gucungererwa umutekano mu gihugu ciwe ntigiterwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika’.

Mu makuru yatanguye kuja ahabona yanamenyeshejwe n’Umunyamabanga wa leta ya Amerika, Mike Pompeo, amenyesha ko ‘Leta ya Amerika yemeye gutanga umuhango w’umutekano kuri Koreya ya Ruguru mu gihe gusa yokwemera guheba ibigwanisho ruhonyanganda buhere’.

Mu gihe ibiganiro biriko bibandanya uyu musi, Donald Trump akaba yabanje kubonana na Kim Jong Un mu kiringo kimara iminota 38 ari ‘ikiyago ca babiri gusa’ ,nk’uko White House yabimenyesheje.

UBM News iguma ibakurikiranira uko ibiva muri uwo mubonano benshi biteze ko ushobora kuvamwo ‘amahoro n’umutekano kw’isi’ bizoja ahabona bikongera bigashirwa mu ngiro.

Recommended for you