INTERNATIONAL NEWS

Umubonano wa Trump na Kim Jong Un Ushobora ‘Kwigizwa Inyuma’.

on

Umukuru w’igihugu ca leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yamenyesheje ko umubonano wari witezwe cane ku wa 12 Ruheshi 2018 hagati yiwe n’umukuru wa Koreya ya Ruguru ushobora kwigizwa inyuma. “Hari ibimenyamenya vyinshi vyerekana ko utazoba ku wa 12 Ruheshi”, niko Trump yamenyesheje.

Ibi bishitse inyuma yaho Koreya ya Ruguru itanguriye guterana amajambo na Amerika ko ishobora guhagarika uwo mubonano mu gihe Amerika ‘yobandandanya itera ubwoba kuri Koreya ya Ruguru’.

Koreya ya Ruguru kandi iriyamiriza amajambo aheruka gushikirizwa n’umuhanuzi w’umutekano wa Trump, John Bolton, yamenyesheje ko ‘hokurikizwa akarorero ka Lybia kuri Koreya ya Ruguru’ kugira izinga rya Koreya rishobbora gukuruwamwo ibigwanisho ruhonyanganda’. Koreya ya Ruguru ikaba yaciye ifata ko Amerika ishaka gutembagaza Koreya ya Ruguru nk’uko vyabaye kuri Gadhaffi muri Lybia.

Trump yamneyesheje abamenyeshamakuru ko ‘umubonano wa 12 Ruheshi utabaye, ushobora kuba hanyuma’. Amerika ikaba yemerera Koreya ya Ruguru ko ‘izorinda umutekano w’ico gihugu n’abakirongoye mu gihe gusa Koreya ya Rugru yovavanura buhere n’umugambi wo guhingura ibigwanisho ruhonyanganda’.

Recommended for you