NEWS

Umubonano hagati y’Uburundi-Urwanda na HCR ku kibazo c’impunzi mu kwezi kwa Gitugutu.

on

Umushikiranganji w’intwaro yo hagti mugihugu, Pascal Barandagiye, yamenyesheje ejo ku musi wa gatatu ko umubonano nyabutatu hagati ya HCR, Uburundi n’Urwanda ku kibazo c’impunzi ugiye kuba mu ntango za Gitugutu i Geneve mu Buswisse, kugira higwe ibijanye n’ihungurwa ry’impunzi z’Abarundi ziri mu gihugu c’Urwanda.

Ivyo Barandagiye akaba yabimeneysheje aho yariko ashikiriza ijambo abanyamakuru mu ntara ya Ruyigi aho yari ahejeje kwakira abarundi barenga 1000 bari bahungutse bava mu nkambi ya Nduta muri tanzania.

Barandagiye yamenyesheje ati: “Igihe yaheruka guca mu Burundi, umunyamabanga mukuru wa HCR yaratanze umuhango wo gukoresha umubonano nyabutatu hagati y’Uburumndi, Urwanda na HCR. Turindiranye umushasharo iyo sango. Birashoboka mbere ko mu ntango za Gitugutu mu kwezi kuza hashobora kuba umubonano hagati yimpande zibiri i Geneve.Turiteguruye kuburanira inyungu zacu”.

Urwanda n’Uburundi ni ibihugu bifise imigenderanire mibi cane kuva mu mwaka wa 2015, vyose vyagitrizanya kubika inkozi z’ibibi zishobora gutera canke guhungabanya ama leta yavyo. Uburundi bukanamenyesha ko Urwanda rutemera ko impunzi z’Abarundi zitahuka kubera ko ‘Urwanda rwoba ruzikoresha imyimenyerezo ya gisirikare kugira baje guhungabanya umutekano w’Uburundi’.

Recommended for you