NEWS

Umubonano hagati y’Uburundi, Rwanda na HCR ku bijanye n’impunzi z’Abarundi ziri mu Rwanda.

on

Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Pierre Nkurnziza yamenyesheje mu ntara ya Kirundo ko hagiye kuba umubonana hagati y’Urwanda, Uburundi na HCR ku bijanye n’ikibazo c’impunzi z’abarundi(izishika hafi 60 000) ziba mu gihugu c’Urwanda mu nkambi ya Mahama.

Ivyo Petero Nkurunziza akaba yabimenyesheje muri Komine Vumbi mu ntara ya Kirundo aho yari yagiye kugarukira ku barundi baheruka kwirukanwa bava mu gihugu c’Urwanda, mu kubaha ibifungurwa n’ibindi bintu vya nkenerwa mu buzima.

Nkurunziza yamenyesheje ati: “Abategetsi b’Uburundi n’Urwanda, bari kumwe na HCR, bazohurira mu kindi gihugu atari Uburundi, canke Urwanda, kugira bayage ku bijanye no guhungura impunzi z’Abarundi ziri mu nkambi y’impunzi ya Mahama“.

Kuva mu mwaka wa 2015, ibihugu vy’Uburundi n’Urwanda bikaba bidacana uwaka, na cane cane mu kudasenyera ku mugozi umwe na HCR ku bijanye n’ibibazo bihanze impunzi z’Abarundi ziri mu Rwanda. Hakaba hari abarundi ibihumbi baheruka kwirukana bavanwa mu Rwanda, ingingo itanejereje Leta y’i Bujumbura.

Recommended for you