Nyuma y’urupfu rwa Dr Jack, abaririmvyi benshi baragize ico bavuga kuco bazohora bamwibukirako, kumuririmvyi mu kunda muri benshi ” LOLILO, we mukiganiro aheruka guha umwe mubanyamakuru baba mu Burundi, yavuze ko Dr Jack ari umwe mubari bashaka ko abaririmvyi bagira ubumwe, ngo niwe yanatumye habaho ukunvikana hagati yiwe hamwe na Big Fizzo, murazi neza ko kera batunvikana ariko Dr Jack akaba yaragize uruhare mukubahuza.
Umuririmvyi Lolilo yagize ati : Nyakwigendera Dr Jack niwe yaduhuje jewe hamwe na Fariouz, urazi kera ko tutavugana mugabo ubu turavugana turi abagenzi, Dr Jack numwe mubahinyanyuzi yashaka ko abaririmvyi bose b’abarundi bagira ubumwe, kubwanje ico nico nzohora ndamwibukirako.