NEWS

Umu Taxi-Velo yarashwe n’umuporisi: bamwe ngo yazize igiturire, abandi ngo ni ‘ukwivuna’.

on

Mu gihe hakiri impari ku mu taxi velo(asanzwe anyonga ikinga kugira aronke uko yibeshaho mu gisagara ca Bujumbura) yishwe arashwe n’umpolisi, nubu impari zirabandanya: bamwe bakamenyesha ko yazize igiturire, abandi ngo ni kwivuna kw’umupolisi.

Uwo mu taxi velo yiywa, Jonas Ndayishimiye, avuka mu ntara ya Gitega, yishwe arashwe ejo mu gisagara ca Bujumbura, muri Zone Rohero, Avenue Muyinga, mu gihe yari yahagaritswe n’umurwi w’abapolisi.

Mu makuru yatanguye kuja ahabona ejo ku muhingamo, abataxi velo bari kumwe nuwo yishwe bamenyesheje ko ico uwo mu taxi velo yazize ari uko yari abuze igiturire aha uwo mupolisi kugira amusubize ikinga, hama araraswa.

Ariko rero, ubushikiranganji bw’umutekano bwabeshuje iyi nkuru ivuga ko yozize igiturire.

Pierre Nkurikiye, avugira ubwo bushikiranganji, akaba yamenyesheje ko nyabuna uwo yarashwe kubera habaye ugushaka gutera amabuye no guthungabanya umutekanao w’abapolisi.

Nkurikiye yasiguye ko uwo mupolisi yasanze urusoro rwamwiyatse kubera ko yari asugerejwe nabantu bariko banashaka kumwaka iyo nkoho yari afise. Bigaca vyumvikana ko ari ‘ukwivuna guciye mu mategeko'(légitime défense).

Amatohoza akaba akibandanya, aho ni mu gihe abatwara amakinga mu gisagara ca Bujumbura bagirizwa gutera ako kajagari bafashwe hamwe n’uwo mupolisi yarashe mugezi wabo.

Abanyonga amakinga mu gisagara ca Bujumbura hamwe n’abanyonga imoto zunguruza Abantu ntibemerewe gushika mu gisagara hagati kuva mu mwaka wa 2015 aho ibitero vya Gerenade vyari bikaze mu gisagara. Maze iyo ngingo ikaba ariyo yatumye uwo mu taxi velo ahagarikwa yagirizwa kuba yarenze.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply