NEWS

Umu CNDD-FDD, Nzopfabarushe Melchiade, Yahavuye ashikanwa Mu gasho…

on

Naho Nzopfabarushe Melchiade yari yavuze yisanze amajambo yo kwerekana ko abatavuga rumwe na CNDD-FDD bazokwibonerako, uyo mugambwe waraye werekanye ko ata bantu bari muri wo bokwivugira ivyo bishakiye. Uyo mu CNDD-FDD Melchiade Nzopfabarushe yivuze amazina mu ntara ya Bujumbura, mu kabezi, akaba yaraye mu gasho mu gisagara ca Bujumbura.

Ubushikiranganji bw’Ubutungane bukaba bwamenyesheje uyu musi wa mbere ko Melchiade nzopfabarushe akurikiranwa ku bwo gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu.

Tukabibitsa ko mw’ivideo yagiye ahabona uwo mutegetsi wa CNDD-FDD yamenyesheje ati ku musi wa kane w’indwi iheze: “Ku batavuga rumwe na leta baragabishijwe …canke abohirahira bagahemuka mu mugabmwe…ko twakoze ubwato bwo kubatwara bagatererwa mu Kiyaga Tanganyika. Na None, amafi yo muri Tanganyika yabaye make muri kino gihe…ni kubarungika muri tanganyika bakigira muri Kongo, niko melchiade Nzopfabarushe yamenyesheje n’agahemo kenshi.

Melchiade Nzopfabarushe

Ariko rero umugambwe akomokamwo CNDD-FDD ntiwatevye kmwiyamiriza ayo majambo ateye isoni yashikirijwe na Nzopfabarushe Melchiade gushika naho aruhukira mu gasho ejo ku musi wa mungu. N’umugambwe FNL ukaba usaba ko ubutungane bwokora kuri iyo mvugo y’urwanko ya melchiade Nzopfabarushe. Mu kirundi bati: “Bareke barendegere bazokweibonerako…”, Nzopfabarushe melchiade yaraye yiboneyeko.

Raba iyo video ngaha wiyumviririze ayo majambo ya Melchiade Nzopfabarushe yabwiye abatavuga rumwe na leta y’i Bujumbura.

Recommended for you