NEWS

Umu CNDD-FDD akomeye, Festus Ntanyungu, yavuye muri uyo mugambwe

on

Umunyabanga akomeye wo mu mugambwe CNDD-FDD, Festus Ntanyungu,  yavuye muri uyo mugambwe nk’uko yabishize ahabona.

Uwo Festus Ntanyungu akaba yarigeze kuba ari mu bashatse kuva mu mugambwe wa CNDD-FDD mu mwaka wa 2015, abiswe Aba Frondeurs nka ba Leonidas Hatungimana, Onesime Nduwimana n’abandi.

Mu rwandiko rwagiye ahabona Festus Ntanyungu yanditse, yamenyesheje umunyamabanga wa CNDD-FDD ko ‘atakiri mu mugambwe wa CNDD-FDD’.

Festus aragaruka ku mwaka wa 1969(aho kumbure yinjira mu bashaka guhindura ubutegtsi bwitwa ubw’abatutsi) maze amenyesha ko ivyo yiyemeje atazovyibagira.

Ntanyungu akaba atamenyesheje impamvu yatumye akura meza muri CNDD-FDD ariko abihweza ibintu bakavuga ko yoba ari mu bakumiriwe mu mugambwe uri ku butegetsi.

Amakuru ariko acanacanako nayo akavuga ko abategetsi batari bake muri muyo mugambwe basa n’abacanyemwo kubera uwuzoshirwa imbere aserukira uyo mugambwe uri ku butegetsi mu matora ya 2020.

Soma urwandiko ngaha Festus Ntanyungu yanditse:

 

Recommended for you