NEWS

Ukwitunganya N’inyamabaro Mu Mashure Vyahagurukiwe.

on

Umushikiranganji w’amashure matomato, ayisumbuye ni aya kaminuza, Janviere Ndirahisha, yatangaje ko ubu guhera mumwaka uza w’ishure ata banyeshure bazosubira kwiga bafise imishatsi y’ibisuko, nta kwimonora, nta mahereni, ku banyeshure bose, baba abiga no mu mashure yigenga. Itangazo ry’umushikiranganji ryatumye aba na bariya bibaza ivyiyo ngingo.

Kubw’umushikiranganji, ukuba abanyeshure basa ntibigarukira gusa ku mpuzu bambaye, ariko kandi abanyeshure bategerezwa kuba basa kuva ku mutwe gushika ku birenge. Ariko rero, bamwe babona ko iyo ngingo y’umushikiranganji iza ikandamiza bamwe, hanyuma abandi bakabona nyabuna ko Umushikiranganji yahagurukiye indero.

Abavyeyi bamwe bamwe baravuga ko burya umuvyeyi yavyaye umwana niwe akwiye kumuhitiramwo ukwo akwiye kuboneka nigihe yoba ari mwishure. Abanyeshure bamwe bahitamwo kuboneka gutya, abandi bagashima ibi. Hari n’abibaza ko Umushikiranganji yoba yafashe iyo ngingo bivanye nivyo yemera mu vyidini, ubona ko hari amadini amwe amwe atemera ivyo kwitunganya mu buryo bunaka yaba amahereni canke gusuka imishatsi.

Abandi bavyeyi baremeranya n’iyo ngingo y’ubushikiranganji. Bo bakabona nyabuna iyo umunyeshure ariko yiga ata mishatsi, amahereni ku matwi ariho yiga ata kimusamaza, kubera ko ataba acitwararika cane uko asa.

Abandi nyabuna barabona ko ari guhonyanga agateka k’umwana, na cane cane w’umuyabaga. Mu myaka y’ubuyabaga, umwana, na cane cane w’umukobwa ararazwa ishinga cane nuko aboneka, haba mu nyambaro no mu kuntu yitunganya, na rirya aba atanguye kwinjira mu nyiyumvo zindi atahorana, aho arazwa ishinga cane n’uko bamubona. Uko biri kwose, iyo ngingo kuzoja mu ngiro izotuma abanyeshure bamwe bamwe batiga mu buryo buborohereje, mu gihe abandi bobo babishima.

Recommended for you