Kubw-inkuru dukesha iradiyo y-abafaransa RFI, Ibihugu vy-abarabu bigera kuri ndwi vyo ku mugabane wa Afrika biheruka kwandikira ikete uwurongoye umuryango w-ubumwe bwa Afrika bimumenyesha ko bitemera na gato ingingo iheruka gufatwa yo kwemerera igihugu ca Israel ko kigaruka mw-uwo muryango nk-igihugu ndorerezi.
Algerie, kimwe mw-ivyo bihugu indwi vyandikiye ikete Moussa Faki arongoye umuryango w-ubumwe bwa Afrika, cagiriza uwo mutegetsi mukuru w-uwo muryango gucisha ahiwe atabanje kuvugana n-abo vyega mu kwemerera ko igihugu ca Israel kigaruka kuba igihugu ndorerezi mw-uwo muryango. Ico gihugu ca Algerie coba carashoboye kwumvisha bimwe mu bihugu rutura bigize umuryango w-ubumwe bwa Afrika nka : Afrika y-Epfo, Tunisie, Libye, Niger,Mauritanie, Egypte, Amazinga ya comore hamwe na Djibouti ko hahonyanzwe amategeko n-amabwirizwa agenga uwo muryango mu kwemerera Israel ko kigarukanwa mw-uwo muryango.
Twobamenyesha ko igihugu ca Israel cigeze kuba igihugu ndorerezi mu muryango w-ubumwe bwa Afrika ico gihe witwa OUA ˮorganisation de l-unité Africaine ‟imbere y-uko uhindura izina ukitwa UA ˮUnion Africaine‟ hari mu mwaka w-2002.