NEWS

Ukutabona kumwe ibintu hagati ya Leta y’Uburundi, Ibiro vy’umuhuza hamwe n’Abatavuga rumwe na leta.

on

Biriko biragaragagara ko hatanguye kwibonekeza ukudahuza hagati y’ibiro bijewe gutuganya ibiganiro bihuza Abarundi na leta y’Uburundi irongowe n’umugambwe CNDD-FDD, hamwe nabatavuga rumwe na Leta y’uburundi.

Mu makuru ashirwa ahabona n’ikinyamakuru SN News kuri twitter amenyesha ko hari ‘umukwegano hagati y’impande zibiri kubera hari ivyo zidahurizako’.

Inyubakwa yimirije kuberamwo ibiganiro bihuza Abarundi i Arusha.

Ukwo kutabona ibintu kumwe hagati y’izo mpande zitatu guhagaze ku kuba Leta y’Uburundi irongowe na CNDD-FDD isaba ko ibiganiro bitegekanijqwe ku wa 24-29 Gitugutu 2018 vyokwigizwa inyuma y’itariki 5 Munyonyo 2018. Ivyo navyo ibiro vy’umuhuza bikaba bivyamirira kure.

ikindi kintu co kudahuza hagati y’izo mpande zitatu cane cane hagati y’ibiro vy’umuhuza na CNDD-FDD ni ico ivyo biganiro bizoshimikirako.

SN News imenyesha ko CNDD-FDD isaba ko urupapuro rw’inzira rutegura amatora ya 2020 rwumvikanyweko mu ntara ya Kayanza arirwo rwokwisungwa; ariko ibiro vy’umuhuza vyovyo bikamneysha ko urupapuro rw’inzira nyarwo ruzova mu mwumvikano uzoba wabaye hagati ya EAC, Ubumwe bwa Afrika na ONU.

Ibiro vy’umuhuza bikaba bikibitse mw’ibanga ibiri muri urwo rupapuro rw’inzira ruzova muri uyo mwumvikano. Eka n’abatavuga rumwe na leta bamwe bamwe bakaba batemera ibiri mu rupapuro rw’inzira vyafundikiwe mu Kayanza.

None ubwo ukwo kutumvikana gutanguye kare ntikuzohava arikwo kuranga ibiganiro vyimirije nk’uko vyabayre mu biganiro vyarenganye?Tubitege amaso.

Recommended for you