Sunday, May 28, 2023
HomeNewsUkuri kwihishije : Nyuma yo gupfa akongera akazuka, ibi nivyo bintu biteye...

Ukuri kwihishije : Nyuma yo gupfa akongera akazuka, ibi nivyo bintu biteye ubwoba asigaye akoreshwa n’abarozi hamwe n’amajini

Nkuko UBM News twavyiyemeje, ni ukugerageza gukora ubushakashatsi kugirango abasomyi bacu babashe kumenya vyinshi bikorekera kurino si, ubwo murino nkuru ubushakashatsi twakoze twifashishije ” Internet ” aho ubushakashatsi twakoze ari ubujanye nibikorwa vyihishije bikorwa n’abarozi, aho ivyo bakora bigoye gutahura ndetse kugira kira muntu wese avyirinde ari ukwama akora amasengesho burigihe cose kugira Imana imurinde ibikorwa vyabo barozi.

mzimu

Benshi iyo umuntu apfuye bibaza ko umuntu wabo iminsi yiwe iba yageze ariko hariho abo bitameze nkuko kuko hari abapfa muburyo budasanzwe ndetse buteye ubwoba.

Harabo bagira Ikimara : ( Ikimara ) ni umuntu aharurwa nkuwapfuye ndetse abantu baraja kumuhamba bakibaza ko umuntu wabo atakiri kwisi ariko ukuri ngo nuko uwo muntu haba hari umurozi yamutwaye kugirango we aze aramukoresha ivyo ashaka vyose. Umurozi mbere yuko atwara umuntu kugirango bamugire ikimara hari amasezerano abanza gukorana nijini ryitwa “BAKAS”kugirango rimufashe mugutegura ico gikorwa, ndetse harigihe hatangwa nisadaka kugirango igikorwa umurozi ashaka gukora kize kigende nkuko avyipfuza.

Umurozi amaze kwemerana niryo jini ryirwa ” Bakas ” we ico akora afata wa muntu akeneye kugira ikimara agashira umutima wiwe mwicupa arangije agaca afundikira, munyuma igikurikiraho habaho gukora ico gikorwa aho umurozi hamwe niryo jini ivyo bakora vyose aba ari mwijoro, mumasaha ya samunani nasacenda z’ijoro.

Umunsi ukurikira wamuntu yatwawe umutima nawamurozi ngo atangura kwunva agwaye hanyuma haciye nkakanya gato abantu bahita babona apfuye bityo abantu bakagumana ibizazane vyinshi bibaza igitumye umuntu wabo apfa giturumbuka. Nyuma yamaziko wamurozi hamwe n’arya jini baja mukaburi, aho bahanvye wa muntu kugirango bamuzure bamutware.

Bageze kukaburi, rya jini ryicara kuruhande kwumutwe w’umuhisi hanyuma wamurozi nawe akicara hepfo mumaguru, aho bose baba bariko barakora ibintu vyabo vyikirozi ariko igikuru aba ari ugukura wamuntu mukaburi kugirango bagende baze baramukoresha.Umurozi we kuruhande rwiwe aba ariko aravuga ano majambo “Mortoo tombo Mivi” abi bisabura ngo ” uwuri muri kano kabura ni uwanje ”

Kunkomezi z’abarozi bafise, umuntu ava mukaburi ako kanya nyene atanubwo biriwe barimba akaburi bityo wamurozi ahita ahabwa umuntu wiwe aba agize ikimara.Nyuma yo guhabwa uwo muntu ikintu ca mbere gikoreka, ahita amujana iwabo akamwereka umuryango yahora abamwo kugirango arabe ko akibibuka.Uwo muzimu canke se uwo bagize ikimara iyo atavundurutse ngo yibuke umuryango wiwe, ntihagire numwe amenya canke se amenye ko aho bari ari aho yahora aba ngo uwo umurozi ahita amenya yuko igikorwa yipfuza ko cakoretse neza.

Bageze murugo rwuwo murozi ngo we ahita amusubiza umutima wiwe, mwibuke ko mbere na mbere umutima wawa muntu ko umurozi aba yarawubitse mwicuba bityo ngo ahita awukuramwo akawumusubiza, igikurikiraho wa murozi anywesha umuti ufise inkomezi nini cane zituma wamuntu yagira ikimara yibagira ibintu vyose.

Ikimara rero ni umuntu abaho kwisi ariko abantu bakibaza ko yapfuye ikindi naco nuko atakwidegenvya afise kuko arakoreshwa cane ibikorwa vyose uwo murozi aba ashaka kwakora. ubwo burozi bwokugira umuntu ikimara ngo bwatanguye kuva kera mumyaka yaza 500 na 1500 A.D. aho rero hari muri Congo ariko ubu ngo buza bwaramaze gusanzara kwisi yose.

Ukuntu ushobora kunesha abarozi nayo majini : Gikuru murivyose ni ugusenga Imana, wibuke ko izina rya YESU ariryo ryonene ushora guhamagara rikagutabara muri vyose, Satani akora uko ashoboye kugirango akuyovye, ubwo wewe ico ukwiye gukora ni ukwama usenga hamwe no kwirinda gukora ibintu bidahesha icubahira Imana, ibuka ko iyo usenga ivyo satani hamwe nabo barozi baba bategura ntabwo bishobora kukugeraho kuko uba ufise uwukugwanirira uwo nawe ni YESU ntawundi.

( iri sibanga, Gira ” share ” ino nkuru kugirango n’abandi bayisome ndetse bamenye ko YESU ariwe wenyene akwiye gusengwa no kwizerwa )

Must Read