Ikinyamakuru ca mbere gikomeye hano kwisi ” BBC ” cashize ahagaragara Video yerekana ukuntu Paul Kagame yateguye Genocide mu Rwanda ( Rwanda: The Untold Story )
Murino Video, BBC yerekanye ukuntu Paul Kagame ngo agenda abesha amahanga ko Genocide yakorewe abatutsi kandi biboneka ko abahutu aribo bapfuye ku bwinshi, ikindi naco berekana ukuntu ariwe yagize uruhara mwiyicwa rya Juvénal Habyarimana aho yararikumwe nuwahoze ari Perezida wu Burundi ” Cyprien Ntaryamira ” abo bose bakaba bararashwe bari mu ndege imwe.
Murino Video , BBC ntiyagarukiye ngaho, bo berekanye ukuntu Paul kagame ngw’ anezerezwa no kwica ndetse ko atipfuza kurekura ubutegetsi, nguwushatse kwerekana ibitagenda neza muri Leta yiwe ngo ahita amufunga canke akamwica ikindi naco ngo nuko abenshi bibaza ko ariwe yahagaritse Genocide kandi ari ububeshi.
Nimba utahura icongereza, ushobora kuraba ino Video hano musi kuko vyose biri murino Video