INTERNATIONAL NEWS

Ukurabana Ayingwe hagati y’Ubwongereza N’Uburusiya: Ubwoba Bw’Intambara Ya 3 Y’Isi yose.

on

Bivuye ku mbarutso y’uko Uburusiya bwagirijwe n’ Ubwongereza ko buri inyuma y’ugushaka kwica uwahoze akora iperereza mu Burusiya, Sergei Skripal, ubu hoho ibintu bitera vyunyuka, aho ivyo bihugu bibiri vyahisemwo kubandanya vyotsanya igitsure. Inyuma y’aho Ubwongereza bufatiye ingingo yo kwirukana Abarusiya 23, Uburusiya nabwo bwafashe ingingo yo gusubiriza mu ndumane Ubwongereza maze bwirukana nabwo Abongereza 23.

Abihweza ibintu n’ibindi hirya no hino kw’isi barafise ubwoba ko Uburusiya bushobora gutanguza intambara y’isi yose ya gatatu kubera ukwo “gusomborotswa”n’Ubwongereza. Ubwongereza bukaba bumaze kuronka ababuri inyuma navyo bikaba ibihugu vya rutura kw’isi nka USA, Ubudagi, n’Ubufaransa.

Leta y’Uburusiya ikaba ibandanya ihakana ivyo yagirizwa n’Ubwongereza, mu kuvuga ko bishobora ‘kwonona imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri mu gihe kirekire’, maze Uburusiya bukavuga ko ivyo ‘vyagirizo bidafashe’.

Uravye uko ibinyamakuru hirya no hino kw’isi biriko birabitangaza, umenga ni intambara isa n’iyatanguye. Ibinyamakuru vyo mu Bwongereza n’ibindi bishigikiye Ubwongereza, biremeza ko ivyo Uburusiya bwagirizwa arivyo, mu gihe ibinyamakuru vyo mu Burusiya vyovyo biza bivuguruza ivyo bindi binyamakuru. Muri kahise, ibinyamakuru vyamye aro ivya mbere mu gukokeza intamabara.

Gushika n’ubu, nta gihugu na kimwe kw’isi kirafata intambwe ngo kimere n’igihuza ibihugu bibiri bisa n’ivyafashe ingendo yo kudatezura. Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Theresa May, akaba afata iyambere mu kudoma urutoki kuri Vladmir Putin w’Uburusiya. Ukuntu kandi Ubwongereza bumaze gufatwa munda n’ibihugu vya Rutura kw’isi biratuma haba ukadatezura muri ukwo kurabana ayingwe.

Recommended for you