INTERNATIONAL NEWS

Ukurabana Ayingwe Hagati ya OTAN n’Uburusiya Kwakomeye.

on

Mu gihe ingabo za OTAN(Orgnisation du Traité de l’Atlantique Nord) ziyemeje kugwaniriza umwansi hamwe ziguma ziyongera ku mupaka ibihugu bigize OTAN bihana n’Uburusiya, nko muri Polande nahandi mu Buraya bwo mu Buseruko, igihugu c’Uburusiya naco ciyemeje kuguma cihwereza hafi ivyo OTAN ikora, harimwo no kuba Uburusiya nabwo buriko bukora imyemenyerezo ikaze n’indege aho hariko hakoreshwa indege mu kumanura ibi missiles.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru presstv.com, igihugu c’Uburusiya camenyesheje ejo ku musi wa gatatu ko gishobora kugira ico gikoze kubera igwirirana ry’ingabo za OTAN ku mupaka w’Uburusiya.

Uburusiya kandi buheruka gutangaza ko Indege zimwe zidatwarwa naba pilotes za leta Zunze Ubuwe za Amerika ziriko zigenzura cane umupaka w’uburusiya.

Umushingamateka w’Uburusiya yamenyesheje ati : « Ni ivyukuri ko Uburusiya ata migwano n’imwe ikora yo guhungabanya ibindi bihugu. Igihugu c’Uburusiya gifise ibiganisho bikomeye cane kwisi yose, ariko ntidushaka kubisohorera ku Banyaburaya na Amerika canke mu kandi gace kose k’isi. Mu gihe OTAN yobandanya ikomeza ingabo za gisirikare ku mupaka wacu, natwe tuzokora ibishonoka kwose mu vya gisirikare ».

Mu mwaka wa 2016, OTAN yarashizeho uburyo bwa missiles bise Patriot mu gihugu ca Lituanie guhana urubibe n’Uburusiya, hongera harungikwa abasoda bashika 4000 hafi y’umupaka w’uburusiya. Igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika kikaba kiza imbere mu kurungika abasoda mu bihugu bihana urubibe n’Uburusiya.

Mukibuka ko OTAN igizwe ahanini n’ibihugu vyo mu Buraya yo mu burengero, Canada na Leta Zunze ubumwe za Amerika, ariyo yafashije mu gutemebagaza icahoze citwa Union Sovietique y’Abarusiya mu mwaka wa 1991.

Recommended for you