INTERNATIONAL NEWS

Ukurabana Ayingwe Hagati Ya Amerika na Koreya Ya Ruguru Kwakomeye.

on

Inyuma y’aho igihugu ca Koreya ya Ruguru gisubiriye kugerageza ikindi ki missile gishobora kugenda iyindi migabane( ICBM), ubu imigenderanire hagati y’ico gihugu na Leta zunze Ubumwe Za Amerika yononekaye cane ku buryo Amerika yamaze gushira koreya ya Ruguru ku rutone rw’ibihugu bikwiragiza iterabwoba kw’isi.

Ikimissile catewe ku wa 29 Munyonyo 2017( kw’ifoto), vyiyumvirwa ko coshoboye gushikira ibisagara vya Washington DC na New York muri Leta Zunze Ubumwe Za Amerika iyo kiraswa mu buryo bukitse, ibisagara biri ku bilometero 13 000 uvuye mu gihugu ca Koreya ya ruguru. Mu gihe hitezwe ko haba imyimenyerezo ya Gisirikare hagati ya Koreya y’Epfo na Amerika itangura kuri uyu wa mbere 04 kigarama 2017, Koreya ya Ruguru imenyesha ko ako ari “ agasomborotso keruye” gashobora gushikana ku ntambara y’ibirwanisho ruhonyanganda.

Nkuko itororokanirizo ry’amakuru AFP ryabimenyesheje, umukenguzamateka wa Amerika, Lindsey Graham, yagabishije ko imiryango y’abasoda ba Amerika bari muri Koreya y’Epfo n’Ubuyapani bovanwayo vyihuta ‘kubera intambara isa niyegereje cane’. Amajambo yiwe yahuye n’ay’umuhanuzi wa Trump mu bijanye n’Umutekano, H.R McMaster, aho nawe yamenyesheje ko “umwanya waheze” ku bijanye no gutorera umuti ikibazo ca Koreya ya Ruguru.

Muri yo myimenyerezo ya gisirikare hagati ya Amerika na Koreya y’Epfo, haritezwe gukoreshwa indege za gisirikare zikomeye 230 harimwo na za ndege za Amerika zihanitse F-22 zishobora kutabonwa n’umwansi( Stealth Fighters). Koreya ya Ruguru ikaba yigamba ko ikimissile iheruka kugerageza gishobora gusambura ubutaka bwose bwa Leta Zunze Ubumwe Za Amerika.

Lindsey Graham yamenyesheje amajambo benshi yatumye bibaza ko umwanya n’umwanya ibihugu vya Amerika na Koreya ya Ruguru bitana mu mitwe. Yamenyesheje ati: “ Amateka ya Amerika ni kutemera ko Koreya ya Ruguru itera ku butaka Amerika iki missile…ukuvyiyamiriza bisigura ko ata kindi gisigaye ko ari gutana mu mitwe[ico mu gisirikare bita ‘kwitanga umwansi’].

Ariko rero n’ubu abahinga ntibaremera neza ko Koreya ya Ruguru imaze gushika ku buhinga bwo kurungika ikimissile kirimwo ubumara gishobora gushikira ubutaka bwa Amerika naho Koreya ya Ruguru yoyo ivuga ko ubwo buhinga yamaze kuburonka. Umukino w’intambara rero urakomeye hagati ya Amerika hamwe n’abo bunze ubumwe ihangana na Koreya ya Ruguru n’abo bunze ubumwe nk’Ubushinwa n’Uburusiya.

Recommended for you