Sunday, May 28, 2023
HomeNewsUku niko ''Alice '' wo mu Rwanda yagiye mu kuzimu kwa...

Uku niko ”Alice ” wo mu Rwanda yagiye mu kuzimu kwa Satani aciye mu kaburi ( Part 2 ) Uvyunvise biteye ubwoba

Nimba warakurikiye inkuru yambere yigishingantahe ca Alice, ihera hageze aho ba Alice baba bari mukaburi ( aho bahamba abapfuye ) Nagiye kubona mbona arahindukiye,arandaba nanje ndamuraba, mbona afise umubabaro mwinshi, arangije arahindukira araba inva yariko umusaraba iruhande rwacu, amaze kuyiraba nanje arongera arahindukira arandaba, jewe nagize ko yoba ari imva y’umuvyeyi wiwe, nibaza ko hoba hari ico ashaha kubimbwiraho.

Yahise azamuka yurira ku nva ahita aja gupfukama kuri uwo musaraba hejuru yiyo nva iri mu kaburi hagati na hagati, Amaze gupfukama arasenga, ico nzi neza kandi ntashidikanya nuko atasenze Imana yo mw’ijuru kuko ica mbere co yavuze amajambo ntumva, asenga mu rurimi ntumva rutari ikinyarwanda, igifaransa canke se icongereza, Uko yasenga niko nabona arimwo yuzura izindi nguvu nkabona hari nk’ibintu biriko kumupompa , nanje aho ndi nkagenda numva ubwenge bwanje bugenda buhagarara.

Yagiye kurangiza gusenga yahindutse ukundi kuntu ndetse ubona yuzuye izindi nguvu zidasanzwe, Amaze gusenga nagiye kubona mbona arahagurutse, akimara guhaguruka aho yari gusengera uwo mwanya mbona imbere yanje hari ingazi (stairs) iri imbere yanje imanuka aja hasi.

Bene Data, hari abantu benshi ushobora kubwira ko ikuzimu habaho bakaguhakanira ko hatabaho , Nagize incuti mbi rero kuko nibwira ko ALICE yari umugenzi wanje wa hafi yamara ivyo nabonye muri ako kanya vyambereye agahomerabunwa, Kugira ngo wemeze abantu ko ikuzimu habaho si ikintu coroshe uretse ko nsaba Imana ngo yigaragarize abantu bayo ibahishurire ivyinyigeje n’imitego y’umwansi Satani.

Kuva igihe cose nabaniye na Alice ntanumusi numwe yari bwambwire nabi ariko yamara uwo mwanya nkimara kubona ingazi (stairs ) imbere yanje, ako kanya Alice yahagurukanye uburakari bwinshi kuri ya mva, ahita aza ansanga ambwira ijambo ribi n’uburakari, arambwira ngo :” CA NGAHA UBUNYENE UMANUKE !!!”

Yamfashe ukuboko tumanuka twiruka, tumanuka kuri izo ngazi, dukora urugendo rwamaze nk’iminota mirongo itatu twiruka cane nk’abafise ikibakurikiye, Ubwo rero twamanutse tuja ikuzimu hamwe utosobanurira abantuvyoroshe ngo bavyemere , kiretse umuntu uzi Imana wenyene niwe uziko Imana ibaho na Satani akabaho , ijuru ririho n’ikuzimu habaho, ko Imana yakuye Satani mwijuru akajugunywa ikuzimu

Abantu baje kutwakira rero bari benshi, Muri ivyo, ikintu cantangaje nuko ubundi mwisi yose abantu bavuga izina rya YESU, ariko ikuzimu mu nda y’isi nabonye izina rya YESU atari ugupfa kurivuga, ubwo tukigerayo abantu baje kutwakira, ikintu ca mbere batubajije baratubajije ngo :” Mutubwire izina rya wa mugabo uba hejuru hariya ?

Ubwo nariyunviriye izina YESU ndarishaka nanje ndaryibagirwa mu vyiyunviro, nkumva riraje kuza ariko sinryibuke neza, ubundi ryaza nkumva kuryatuza umunwa wanje navyo bikananira, Naje gusobanukirwa kandi ko hariyo ivyicaro bitatu : Hariyo imyuka y’abantu bapfuye, hariyo abadayimoni aribo bamanukanye na Satani ubwo Lucifer yamanuka avuye mw’ijuru, naje gusobanukirwa kandi ko mu kuzimu hariyo icicaro ca gatatu kigizwe n’abantu bazima ( bakomeye batapfuye ) bagiyeyo nk’uko nanje nari nagiyeyo canke ugasanga bagiyeyo batwawe n’abandi bantu canke aribo bitwayeyo.

Ivyo vyicaro bitatu ni ivyicaro bikora mu buryo butandukanye kandi ukigerayo vyose urabisobanukirwa ukanasobanukirwa n’imikorere yabo, Abo bambaza izina rya YESU rikananira nuko bazi ko iryo zina ariryo ryonyene rishakirwamwo amahoro, abo mu kuzimu barashakishije amahoro ariko barayabuze, Nubwo hari abaje kutwakira, ariko ntarukundo nabasanganye kuko nta rukundo ruhaba, ” Dukundana turi abana b’Imana ariko iyo ikuzimu nta rukundo rubayo ahubwo batwaza igitugu, n’iyo mirimo yose nta rukundo bayikorana .”

Batujanye mu kazu gatoya batwicaza ku dutebe twasanzemwo, udutebe tuboshe , twicaye kuri utwo dutebe nje na Alice, Muri ako kazu imbere harimo ama FRIGO menshi, ngiye kubona mbona umwe mu baje kutwakira aragiye afashe isiniya ashiraho icuma kinini cane, uwundi afata iyindi siniya iriho ibikombe binini cane vy’ibirahuri.

Uwambere w’isiniya iriho icuma afungura Frigo ya mbere ndavyemwo imbere mbona harimwo inyama nyinshi n’amaguru y’abantu ndetse n’uduhanga, Ivyo bintu bintera ubwoba mu mutima wanje ariko nyene ndaceceka kuko nta kintu nari mfise co gukora, Uwa kabiri yuguruye iyindi Frigo mbona ibikombe binini vyuzuyemwo amaraso, ubwo ayasuka muri ivyo birahuri bito biri kw’isiniya.

Uko niko baje kutuzimanira nk’uko umuntu azimanira abashitsi , Baraza badutereka imbere, muri jewe ubwoba buranyica ariko ntaho nari mfite ho guhungira kuko amazi yari yamaze kurenga inkombe, Ubwo naje gushiduka nisanga ndiko ndarya nta kibazo za nyama z’abantu , kandi babivuga ukuri ngo :” UGIYE IBURYASAZI AZIRYA ARI MBISI”.

Turangije kurya, Alice yarahindukiye arandaba, nanje ndahindukira ndamuraba kuko nanje ico gihe nasa n’uwuzuye izindi nguvu , ngiye kumva numva arambwiye ngo :” SAWA, BAYIIII…”. Ubwo nyene Alice yarigendeye kandi burya koko nta ncuti yo mwisi kuko amaze kwigendera nasigaye ngaho jenyene kuko Misiyo yiwe kuri jewe yari ayirangije.

Ushobora kubana n’umuntu, ukagendana n’umuntu , ugakorana n’umuntu ubundi ugasangira nawe, yamara ari Dayimoni utabizi, Ushobora kandi kubana na Dayimoni kubera ko udafise gusenga Imana ngo iguhishurire uwo muntu mubana uwo ariwe ukaja kwisanga wageze ku mwobo wiherezo kandi iyo amaze kuwukugezaho akwereka uwo ariwe kuko mu minsi ya mbere agufata neza yamara mu minsi ya nyuma akakwereka uwo ariwe, nanje sinari muzi rero namumenyeye ngaho menya ico arico ko yari amfiteho misiyo kuva mbere nubwo ntari mbizi.

Uwo Alice yamaze kwigendera ubwo nsigara ngaho, mu kanya hahita haza abandi kuntwara bankura muriyo nzu nari ndimwo, icakurikiyeho nakorewe giteye ubwoba kandi gitangaje ntazopfa nibagiye nuko……………………………..

” Ese uribaza ko ari igiki cakurikiyeho ? Ntuze utangwe no gusoma igice cagatatu gikurikira cino nkuru ya ” Alice ” aho uzoshobora kumenya vyinshi biteye ubwoba ndetse bitangaje vyamushikiye ” Inkuru yigice cagatatu uzoyisanga hano nyene kukinyamakuru cambere c’abarundi gikunzwe n’abarundi benshi cane baba hano muri America ” UBM News ”

Must Read