Tuesday, February 7, 2023
HomeInternational newsUkraine itangaza ko uburere bwose bwegereye Kiev bwasubiye mu minwe y-igisikare...

Ukraine itangaza ko uburere bwose bwegereye Kiev bwasubiye mu minwe y-igisikare cayo.

Ku musi ugira 38 w-ibitero vy-ingabo z-uburusiya muri Ukraine, Abategetsi ba Ukraine batangaje kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 2 Ndamukiza 2022 ko ibisagara vyose vyegereye umurwa mukuru wa Kiev vyasubiye mu minwe y-igisirikare c-ingabo za Ukraine. Ivyo bisagara bikaba vyari bimaze  imisi biri mu minwe y-ingabo z-uburusiya.Ukrainian servicemen ride on tanks towards the frontline in the Lugansk region of Ukraine on 25 February.

Abicishije ku rubuga rwa Facebook,Icegera c-umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Ukraine , Ganna Maliar yatangaje kuri uyu wa gatandatu ati Irpin,Boutcha, Gostomel hamwe nuburere bwose bwegereye kiev bwarambuwe bukurwa mu minwe yumwansi»

Ku muhingamo wo kuri uyu wa gatandatu, umuhanuzi mu biro vy-umukuru w-igihugu wa Ukraine yerekanye ko ingabo z-uburusiya zakuyeyo vyihuta mu burere bwa Kiev no mu micungararo yaho  hamwe no mu bumanuko bwa Tcherniguiv, zifise intumbero yo kuja kwipanga ku bwinshi mu buseruko  no mu bumanuko bwa Ukraine mu ntumbero yo kugumya uburere bumaze igihe bwarafashwe n-izo ngabo z-uburusiya.

 

Must Read