INTERNATIONAL NEWS

Uko Uburusiya Buriko buronka ikibanza muri Afrika.

on

Inyuma y’imyaka itari mike igihugu c’Uburusiya kitariko kirakorera cane mu bihugu vya Afrika, ubu mw’ino myaka ya vuba cane, ico gihugu ca Rutira kw’isi kiriko gikora ibishoboka kugira imigenderanire n’ibihugu vya Afrika ikomere cane.

Uburusiya burakora ivyo mu gushora ibigwanisho muri Afrika, mukurungika ‘abigisha karuhariwe‘ mu bijanye n’intambara mu bihugu bimwe bimwe vyo muri Afrika.

Twotanga akarorero muri Centrafrique aho Uburusiya bwemerewe kurungikayo ibiganisho kugira ngo bahashe imigwi y’intagondwa. Uburusiya kandi bukaba bushora cane ibigwanisho mu gihugu ca Kameruni, hama hakaba hari imigenderanire myiza hagati ya RDC n’Uburusiya.

Mwomenya kandi ko Uburusiya n’Uburundi bufitaniye ubucuti budasanzwe na cane mu bijanye n’uko UBurundi buhabwa ama bourses y’abanyeshure b’abarundi bakaja kwiga mu Burusiya. Bikaba binavugwa cane ko Uburusiya bwoba bufasha cane igihugu c’Uburundi mu bijanye no gutanga inyigisho za gisirikare mu vyo kwivuna abansi.

Recommended for you