NEWS

Uko leta y’Uburundi yavuze ku makete ya Nkurunziza na Museveni.

on

Inyuma y’aho habaye ugukwiragiza amakete y’ibanga ya Museveni wa Uganda na Nkuruziza w’Uburundi, ibiro vy’umukuru w’igihugu vyagize ico bivuze kuri ayo makete yashizwe ahabona.

Muri izo nyandiko zashizwe ahabona n’ibiro vy’umukuru w’igihugu, biragaragara cane ko imbono ya keta y’Uburundi ko ari Ubuganda bwashatse gushira ku mugaragaro izo nyandiko itarahinduka kubera ko buvuga ko ‘demokrasi mu Burundi yatsimbataye ata wudi ashobora kuyisenyura’.

Ku bijanye n’uko Museveni yari yasavye ko Leta ya Nkurunziza yoyaga n’bo batavuga rumwe, ibiro vy’umukuru muri iryo Tangazo vyamenyesheje ko ‘Uburundi itazokwicarana n’abashatse gutembagaza ubutegetsi, ko kwicarana nabo vyoba bisa n’ukwemanga ibikorwa vyabo’.

‘Ikibazo c’abashatse gutembagaza ubutegtesi sico gushira ku meza y’ibiganiro abubwo kiri mu butungane bw’Uburundi’, niko iryo tangsazo ryavuze.

Ku kibazo c’umubano mubi hagati y’Uburundi n’Urwanda naco, ibiro vy’umukuru w’igihugu vyamenyesheje ko nyabuna Umuryango wa Afrika y’Ubseruko ukwiye kwicara kuri ico kibazo kugira gitorerwe umuti.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply