NEWS

Uko Intererano Zigiye Gutozwa Kubw’ Amatora ya 2020.

on

Mu ntumbero yo kwitegurira neza mu buryo bw’amafaranga amatora ya 2020, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu,Pascal Barandagiye, hamwe n’uw’ikigega ca Leta, Domitien Ndihokubwayo, basohohoye itegeko rishiraho uko intererano z’amatora ya 2020 zizotangwa muri iyi myaka ibiri isigaye kugira habe amatora.

Ku bw’iryo tegeko, umuntu wese akora akazi canke adakora akazi asabwa guterera amatora. Aho harimwo abashingamateka, abari muri Leta, abaserukira Uburundi mu makungu hamwe n’abagize inzego za leta.

Ku bw’amatora ya 2020, abaterera bari mu migwi itatu : abanyagihugu badahembwa umushahara, abanyagihugu bakora ubuzi bagahembwa umushahara n’abandi.

Mu mugwi w’abanyagihugu badafise akazi bahemberwa, intererano yabo ni amafaranga y’amarundi 2000 ku mwaka kandi kuri buri muryāngo. Ku banyeshure biga mu mashure yisumbuye na kaminuza bafise imyaka yo gutora, basabwa intererano y’amafaranga 1000 FBU ku mwaka.

Mu mugwi w’abakozi bahembwa nabo, intererano yabo izotangwa hisunzwe imisharahara yabo. Gushika ku mushahara w’amafaranga y’Amarundi 50 000 FBU, intererano ni amafaranga 500 FBU ku kwezi. Umushahara uri hagati ya 50 001 FBU na 100 000 FBU, intererano isabwa ni 1000 FBU ku kwezi. Umushahara uri hagati ya 100 001 FBU na 200 000 FBU, intererano isabwa ni 2000 FBU ku kwezi. Umushahara uri hagati ya 200 001 FBU na 500 000 FBU, intererano isabwa ni 5000 FBU ku kwezi. Umushahara uri hagati ya 500 000 FBU na 1 000 000 FBU, intererano isabwa ni 30 000 FBU ku kwezi. Ku mushahara urenza 1 000 000 FBU, intererano isabwa ni umushahara w’ukwezi kwose ku mwaka.

Ku basanzwe bakora kandi bahembwa imishahara, intererano yabo izoza irakatwa ku mishara yabo kuva muri Nzero 2018 hisunzwe uko imishara yabo ingana.

Recommended for you