INTERNATIONAL NEWS

Uko Ibinyamakuru Mvamakungu Vyakiriye Ihagarikwa Ry’Ibinyamakuru Muri Kenya.

on

Ejo ku wa 30 Nzero niho uwutavuga rumwe na leta ya kenya ariwe Raila Odinga ‘yirahiza ngo atware abanyagihugu’ ba Kenya. Ariko rero, biragaragara ko Uhuru Kenyatta yari yatanze gasopo ku binyamakuru vyohirahira bigatangaza mu binyamakuru vyavyo canke ku mboneshakute uko iryo rahira rya Odinga ririko riragenda.

Ariko rero hari ibinyamakuru bimwe bimwe vy’aho muri Kenya vyahisemwo gucisha ahavyo biratangaza uko ivyo birori vyo kurahira kwa Raila Odinga vyariko biragenda. Hadaciye akanya, Leta ya Uhuru Kenyatta yaciye yugara ivyo binyamakuru. Ubucamamanza bukuru bwamenyesheje ko kurenga kuri iyo ngingo kwoba ari ‘guhemekira igihugu’.

BBC yatangaje ko ko leta ya Kenya yahagaritse ivyo binyamakuru kugira bireke gutangaza ikibiriraho( live) uko ibirori vyo kurahira kwa Raila Odinga biriko bigenda. Uravye uko vyagenze, abanyagihugu amasinzi bakaba bari baje kwitabira ivyo birori, n’abapolisi bakaba batabahagaritse.

Avugira kuri KTN, Raila Odinga yamenyesheje ko ukwo guhagarika ibinyamakuru ari ‘ikimenyetso c’uko Kenya igomba gukora nka Uganda yugaye ibinyamakuru mu gihe c’amatora mu matora ya 2016’. Ama TV yigenga nka NTV, KTN na Citizen TV yarugawe guhera isaha zitatu zo mu gatondo ejo ku wa 30 Nzero 2018.

Abanywanyi ba Raila Odinga bari benshi cane kw’irahira ryiwe.

AFP imenyesha ko ‘Leta ya Kenyatta bibgaragara ko vyayitekurukanye kuko yari yategetse ibinyamakuru kudatangaza ibiriko biba muri ukwo kurahira’. Reuters yoyo yamenyesheje ko ivyo binyamakuru vyaciye vyikora ku mbuga ngurukana bumenyei nka za Facebook, Whatsapp na Youtube maze bibandanya bitangaza ibirori vy’iryo rahira, maze abanywanyi babandanya babirorera ukuri kwamye.

Uwokwibaza yokwibaza nimba mu bihugu vyose vya Afrika y’Ubuseruko ubwigenge bwo kumenyesha amakuru bugiye kuburizwamwo. Aho twovuga ivyabaye ku binyamakuru mu Burundi mu 2015; muri Tanzaniya aho leta ihari ubu itorohereza ibinyamakuru, mu Buganda aho vyabujijwe gutangaza amatora, mu Rwanda hoho ni kuvuga ivy’intwaro itwara ubu gusa.

Recommended for you