Tuesday, January 31, 2023
HomeNewsUko basaba ko abarundi bogaragaza ukudashigikira Pr. Petero Nkurunziza mu kwitoza ubugira...

Uko basaba ko abarundi bogaragaza ukudashigikira Pr. Petero Nkurunziza mu kwitoza ubugira gatatu

vital-7-1bba5

Abarundi badashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu c’Uburundi ngo ku musi wa kane isaha ya sasita bazovuze ibintu vyose bibegereye nk’amahoni (Klaxon), amakengeri, amasafuriya, amasahani, n’ibindi boshobora kuronka kugira bagaragaze umubabaro wabo. Bakavuga ko vyovuzwa mu kiringo c’iminota ibiri isaha zitandatu n’iminota irongo ibiri(12:20 AM).

Nkuko abari muri ya mashirahamwe yiyemeza guhagarika ico kiringo cs gatatu babishikirije mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru ngo PETERO Nkurunziza yarakwiye kugurwa mu mukino wa politique mu kumuha ikarata itukura aho yabifobekeye mu rukino rw’umupira w’amaguru.

Muri ico kiganiro nyene basubiriye baramenyesha ko ukutihanganira abo bose baduhaza nawe ku bijanye n’ukwitoza kwiwe kubateye umubabaro, akaba aca ababogoza mu mabanga bari basanzwe barimwo.

Must Read

” Gukoreshwa ibikorwa vy’inguvu ntugaburirwe ndetse ngo uhembwe ntaho bitaniye n’ubucakara...

0
Umushikiranganji wa mbere w’uburundi aheruka gutangaza ko abashomeri birirwa biyanikiye hagati mu gisagara ca Bujumbura ataco bariko bahakorera bagiye gufatirwa ibihano bikomeye bijanye no...