INTERNATIONAL NEWS

Uhuru Kenyatta Yasubiye Gutorerwa Kurongora Igihugu ca Kenya.

on

Uwahora ari umukuru w’igihugu ca kenya, ariwe Uhuru Kenyatta, yasubiye gutorwa ngo arongore igihgugu ca Kenya, inyuma yaho amatora ya mbere afutiwe bivanye n’utunenge twayaanzwemwo muri Myandagaro 2017. Akaba yatsinze ku majwi ashika ku 7 483 895 mu matora yabaye kuwakane itariki 26 Gitugutu 2017.

Mu biharuro vyamenyeshejwe n’umugwi ujejwe amatora muri Kenya IEBC kuri uyu wa mbere ku muhingamo, Uhuru Kenyatta akaba yatsinze ku bice 98% ku majwi yabatoye yabonetse ashika ku 7,616,217. Aho ni mu gihe umukeba wiwe akomeye wo mu mugambwe wa NASA, ariwe Raila Odinga, yaronse amajwi ashika ku 73,228, inyuma yaho ararikiye abayoboke biwe kutitaba amatora yabaye kumusi wa kane.

Ugereranije nabari bitavye amatora ya mbere, biragaragara ko abayitavye babaye bake cane, ni ukuvuga ibice bishika ku 42,36%, abantu bake ugereranije n’abanyagihugu ba Kenya bafise uburuenganzira bwo kuja gutora.Ku bwa IEBC, igitigiri c’amajwi yabaye impfagusa mu matora yo mu ndwi yo gusubiramwo iheze ni 37,713.

Ariko rero hariho ubuce bumwe bumwe Raila Odinga afisemwo abanywanyi benshi hatabaye amatora bivanye ku ntureka zabaye inyuma yayo matora, aho mu duce dushika ku 25 twegukira Odinga habaye imyiyerekano ikomeye na cane cane mu gace ka Nyanza kuva amatora aba ninyuma yayo.
.

Recommended for you