INTERNATIONAL NEWS

Uhuru Kenyatta Na Raila Odinga Biyemeje Gukorera Hamwe.

on

Mu gihe hari hagize imisi hari ukurabana ayingwe hagati y’umukuru w’igihugu ca Kenya , Uhuru kenyatta, n’umukuru w’abatavuga rumwe n’iyo leta ya kenya, Raila odinga, uyu musi wa gatanu abo bagabo babiri batangaje abantu aho bahisemwo kuvugira ku mugaragara ko inzankano zari hagati yabo zarangiye, ko ‘bagiye kwubakira Kenya hamwe’.

Ivyo bibaye mu gihe Umunyamabanga wa leta ya Amerika, Rex Tillerson, yitezwe i Nairobi ku murwa mukuru w’ico gihugu aho ari mu rugendo mu bihugu bumwe bimwe vya Afrika.Bamwe bakaba bibaza ko kumbure boba bashatse ko uwo mutegetsi akomeye wa Amerika atwara ubutumwa bwiza buvuye muri kenya.

Kuri ico kintu cabaye gitangaje, abo babiri bahisemwo gusubiza hamwe bamenyesheje bati: “Twumvikanye ko ari ugushira hamwe Kenya kandi tukaba dutanganje ko amacakubiri ahereye ngaha”.

Abo babiri bakaba bahuriye mu nyubakwa ya Harambee House Office i Nairobi maze bashikiriza ijambo ibinyamakuru. Bakaba batabajijwe ikibazo na kimwe, nk’uko The Star Kenya ibimenyesha.

Raila odinga, ariwe yatanguye kuvuga, yavuze ko amacakubiri ashingiye ku moko yarangiye uyu musi wa gatanu kandi ko afadikanije na ‘mwenewabo’ bagiye kuzibira igihengeri cari kihari.

Kenya ikaba yari igize imisi mu ngorane zavuye mu matora yatsinzwe na Uhuru kenyatta. Raila Odinga arongoye abatavuga rumwa akaba atemera itorwa rya Uhuru Kenyatta mbere akaba yari yararahiye kuyobora nawe Kenya, aho mbere vyari vyitezwe ko agomba gushinga leta yiwe vuba cane.

Recommended for you