Thursday, June 8, 2023
HomeInternational newsUganda: Ikibuga c-indege c-i Entebbe kigiye gufatwa burwati n-ubushinwa kubera ideni...

Uganda: Ikibuga c-indege c-i Entebbe kigiye gufatwa burwati n-ubushinwa kubera ideni buheraniwe.

Igihugu c-ubushinwa kigiye gufata burwati ikibuga mpuzamakungu c-indege c-i Entebbe  kiri mu buganda. Nkuko tubikesha ikinyamakuru co muri Tanzaniya  «Tanzania Updates », nuko igihugu ca Uganda canse kuriha ideni catse ubushinwa igihe hariko hagurwa c-indege ca Antebbe. Ayo mafaranga akaba arenga gato imiriyoni 200 z-amadorare y-abanyamerika.Image

Ico kinyamakuru kibandanya kimenyesha ko Leta ya Uganda yasavye ubushinwa ko bwokwicarana  kugira bayage ukwo iryo deni ryatswe, haraheze imyaka itandatu ryo kwishurwa. Ariko ubushinwa bukaba bwarase ico cipfuzo ca uganda.

Nkuko kandi tubikesha ikinyamakuru co muri uganda «Daily Monitor»,  ayo mafaranga y-ingurane akaba yakoreshejwe nabi n-abategetsi bo hejuru , ivyahavuye bituma umushikiranganji w-ikigega ca Leta wa Uganda Matia Kasaija aja gusaba imabazi imbere y-inama nshingamateka kukuntu iyo ngurane yakoreshejwe nabi.

 

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...