INTERNATIONAL NEWS

Uganda: Abashingamateka Baratanye Mu Mitwe.

on

Ejo ku musi wa kabiri itariki 26 Nyakanga 2017, abashingamateka bo mu gihugu c’ubuganda baratanye mu mitwe bariko biga ikibazo c’uko umukuru w’igihugu yoguma atwara imyaka yose, maze ikibazo cahora kihari c’uko uwumaze gukwiza imyaka 75 atosubira kwitoza kihave.

Abo bashingamateka bakaba bafashwe amasanamu bariko baharira ko umushingamateka umwe yari yinjiranye inkoho mu cumba cariko kiberamwo inama. Uwari ahagarariye iyo nama akaba yaciye ategeka ko hobaba umusako ukwiye mwico cumba maze akaba ata nkoho yigeze ihatorwa.

Ikibazo c’uko imyaka yobuza umukuru w’igihugu kwitoza mu gihugu c’Ubuganda irateye impari cane kuva mwiyi misi iheze aho bamwe mu banyagiguhugu bagiye mwibarabara biyamiriza iyo ngingo bisa nuko iriko ishigikirwa cane na Yoweri Kaguta Museveni kugira azoshobore kwitoza mu mwaka wa 2021.

Ubu Museveni afise imyaka 73, biraboneka ko mu 2021 azoba afise imyaka 77 kandi imyaka ntarengwa yo kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu itarenga 75 mw’ico gihugu c’Ubuganda.

Museveni akaba yafashe igihugu ca Uganda kuva mu mwaka wa 1986 maze atorwa n’abanyagihugu kuva 1996. Ibwirizwa shingiro rihari ubu ry’ico gihugu rikaba ritomwemerera ko yitoza mu mwaka wa 2021 kuko imyaka yoba ayirengeje.

Umugambwe wiwe NRM( National Resistance Movement) uriko urakora ibishoboka kugira ngo iyo ngingo irengane mu nama nshingamateka. Mu mwaka wa 2005 itegeko ryasaba ko umukuru w’igihugu ko yitoreza ibiringo bibiri rikaba ryarafuswe maze bica bituma Musevenei asubira kwitoza mu kiringo ca gatatu.

Recommended for you