NEWS

Uganda: Abakoresha Imbuga Ngurukanabuenyi bagiye kuza baratanga ikori.

on

Mu gihugu c’Ubuganda kimwe mu bihugu bigize EAC itegeko riheruka kwemezwa muri ico gihugu riza risaba abakoresha imbuga ngurukana bumenyi(réseaux sociaux) nka za WhatsApp, Facebook, Instagram na Twitter kuriha ikori muri leta kugira bashobore gukoresha izo mbuga ngurukana bumenyi.

Mu ntango z’uyu mwaka, umukuru w’igihugu ca Uganda, Yoweri kaguta Museveni akaba yari yamenyesheje ko iyo ngingo yo gutoza itagisi ku bakoresha izo mbuga ngurukana bumenyi ikenewe kugira bahangane n'”ugukwiragira kwibinyoma n’insaku”.

Iyo tagisi nshasha ikaba izoba ingana n’amadolari 2 ku kwezi( nk’amarundi 5000), nikuvuga ko uwokoresha izo mbuga ngurukana bumenyi asabwa gutanga amashilingi ashika 200 ku musi( ni nkayo nyene mu marundi) kugira ngo gukoreshe izo mbuga ngurukana bumenyi.

Ariko rero, hari umugwi w’abacamanza bahagurukiye kurwanya iyo ngingo yo gutoza iyo tagisi yagiye mu ngiro kuva itariki 1 mukakaro 2018. Bakamenyesha ko nyabuna ije kugira ngo leta ya Uganda ishobore kunumya abasuzugura canke bakanebagura ivyo leta ikora babicishije kuri internet.

Uwo murwi w’abacamanaza ukaba wasavye Sentare y’ibwirizwa shingiro muri Uganda ku musi wa mbere ko nyabuna iyo ngingo yohagarara. Bakaba bamenyesheje ko iyo ngigo yo gutoza amatagisi ku mbuga ngurukana bumenyi ko ije kugabanya umwidegemvyo wo kuvuga hamwe no gukora amanama kuri internet.

Igihugu ca Uganda kikaba citeze kwegeranya imiliyoni 400 y’amadolari ya Amerika(imiliyaridi irenga 1000 mu mafaranga y’amarundi)ava muri ayo makori ku bakoresha izo mbuga ngurukana bumenyi.

Ariko rero, ubu kubera hateye imbere ivyo gukoresha mwene bwa Buhinga bwo kwinyegeza igihe uri kuri internet bita Virtual Private Network, VPN), Abaganda batari bake bizigiye kuzokoresha ubwo buryo kugira bahunge gutanga iryo kori , naho bifatwa ko ari uguhunga gutanga ikori navyo bigahanwa n’amategeko.

Recommended for you