NEWS

‘Udutabu ndangamuryango’ tudashobora kwiganwa twasohotse.

on

Udukaye tw’urugo canke udutabu ndangamuryango tudashobora kwiganwa twasohowe uyu musi na Mairie ya Bujumbura maze abanyagisagarara bagasabwa kwitwararika kutwironsa.

Utwo dutabu ndangamuryango dushizwe ahabona inyuma yaho hahagarikiwe gutangwa utwo dukaye mu gisagara ca Bujumbura kubera utwahahora twari twatanguye kwiganwa maze hakagira abikika mu kiza mu kudutanga ku mafaranga kandi ari utwiganywe.

Utwo dukaye dukunzwe gutangwa na cane cane mu gisagara ca Bujumbura kugira ngo urugo rwose rugire abo rwandika muri utwo dukaye dusinyweko na chef de zone.

Ivyo biba kugira ngo hagabanywe uruja n’uruza rw’abantu usanga badafise ivya ngombwa baja gucumbika mu gisagara ca Bujumbura ata mpapuro zibaranga bafise.

Utwo dukaye twashizwe ahabona tukaba dufise ikimenyestso hagati kigoye kwigana n’abasuma(filigrane).

Freddy Mbonimpa, umukuru w’igisagara ca Bujumbura akamenyesha ko amafarangaa agura ako gakaye gashasha ari amahera 3000 FBU.

Recommended for you