NEWS

Ubwoba ni bwinshi m’ububare bwo muri zone Rohero

By

on

Ivyo bikaba vyavuye ku gitero cabaye kumusi wagatanu mw’ijoro, abantu batatu barishwe abandi batata barakomereka. Bakaba bari mu kabare kitwa Chez Gilbert kari muri zone Rohero mu gisagara ca Bujumbura. Abaciye bapfa akaba ari uwitwa Joseph Hicuburundi batazira Mugamba, Juvenal Cishahayo na Melchisédech Ntaraka(yakora muri Banki nkuru y’igihugu mu gisata c’amafaranga y’agaciro).

Nkuko bivugwa numwe muncuti zuwishwe nga haje imodoka yinjira murako kabare isaha 21h z’ijoro ivamwo abantu baca batera grenade murako kabare imbere yo gutangura kurasa abariko barivuna akanyota. Abantu batatu bakaba baciye bapfa abandi batatu barakomereka babiri bikomeye.

Icegera c’umuvugizi w’igipolisi, Moise Nkurunziza, akaba yeremeje ico gitero kur’uyu wagatandatu, akavuga ko aba bantu barashe mur’ako kabare bakoresheje inkoho yo mu bwoko bwa kalashnikov bataramenyekana. Moise Nkurunziza amenyesha ko amatohoza yatanguye.

Ubwoba akaba ari bwinshi kubantu baba mu gisagara ca Bujumbura nacane cane abakunda kwizimya akanyota muri zone Rohero irimwo kandi n’ubutambiro bimwe bita boite de nuit aho muri kino gihe usanga hasa n’ahagaragara. Iyo zone ikaba irimwo amazu yo gukoreremwo, amazu meza meza n’ubunywero bwabantu bifise.

 

Recommended for you