NEWS

Ubwo Yoweli Kaguta Museveni Azobishikako…?

on

Umukuru w’igihugu ca Uganda, Yoweli Kaguta Museveni yihaye umwanya aravugira ku mugaragaro ko ‘ukurangura amabanga y’abubatse hakoreshejwe umunwa'( Relations bucco-génitales canke ‘Oral sex‘ mu congereza) bigiye kwiyamirizwa vyongere bihanwe n’amategeko ku wuzobirengako muri ico gihugu.

Museveni akaba yagiriza abanyamahanga ‘gutuma Abagande bakora iyo mibonano mpuzabitsina itemewe’, maze akaba yatanze “ingabisho” ikaze ku mugaragaro.

Museveni yatangaje ati: “Munkundire mfate kano kanya ngabishe ku mugaragaro abantu bacu ku ngeso mbi bihaye kandi zazanywe n’abandi…imwe muri izo ngeso mbi ni ukurangura amabanga y’abubatse hakoreshejwe umunwa( Oral sex)…Turazi aho igihimba c’irondoka kiri…Umunwa ukoresha mu gufungura, ntukoreshwa mu bijanye n’ukurangura amabanga y’abubatse.

Museveni akaba avuga ko iyo ngeso ituma abantu bandura ingwara ziterwa n’inzoka bigatuma bamererwa nabi. Muri ico gihugu kandi, abaryamana basangiye igitsina bakaba batavyemererwa n’amategeko, nk’uko Museveni yabishize ahabona mu myaka iheze.

Recommended for you