Sunday, March 26, 2023
HomeNewsUbwicanyi bwiswe ubwa « Ntega na Marangara» bugiye gutohozwa n-umurwi CVR .

Ubwicanyi bwiswe ubwa « Ntega na Marangara» bugiye gutohozwa n-umurwi CVR .

Umurwi CVR ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi, umenyesha ko ugiye gutangura kurondera ukuri ku bwicanyi bwabaye mu mwaka w-1988 mu buraruko bw-uburundi , bwiswe ubwa «Ntega na Marangara». Pierre –Claver Ndayicariye arongoye umurwi CVR yabitangarije mu ntara ya Gitega kuri uyu wa 26 Nzero 2022 igihe uwo murwi wariko wugurura ibikorwa vy-umwaka w-2022.BURUNDI - GENOCIDE 1988 / NTEGA-MARANGARA : 300 fosses trouvées à NGOZI -  Nouvelles du Burundi - Africa Generation News

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko ubwo bwicanyi bwahitanye abantu barenga ibihumbi 15, Abenshi bapfiriye mw-ubwo bwicanyi akaba ari abarundi bo mu bwoko bw-abahutu. Ikindi, Umurwi CVR wemeje kandi ko uzoca utandukira ku vyerekeye urwimo rwo mu mwaka w-1993. Yamara, aha ababuriye ababo mw-urwo rwimo rwo 1993 basigura ko atacizere kinini biteze kuwo murwi kuko ata cizere bagifitiye CVR baravye ukuntu igomba guhengamira ku bwoko bumwe bw-abahutu mu ntumbero yo gushimisha umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.

Tubibutse ko CVR yari maze igihe kinini ikorera ku bwicanyi bwo mu mwaka w-1972, ubwicanyi uwo murwi wahavuye wemeza ndetse unatangaza ko ari ihonyabwoko ryakorewe abarundi bo mu bwoko bw-abahutu.

Must Read