Ubwato bw-abarovyi butobuto bushika umunani bwarasambuwe n-abasirikare ubundi burafatwa kuri uyu wa mbere. Ivyo vyabereye muri zone Gitaza , komine Muhuta mu ntara ya Rumonge. Abarovyi basamburiwe ubwato barifumbereje , abo bwafashwe nabo basabwa kubugombora babanje gutanga amafaranga. Abasirikare bobo basambuye ubwo bwato bamenyesha ko ubwo bwato bushobora guttuma haba umutekano muke mu nkengera z-ikiyaga Tanganyika.
Abo barovyi bo mu Gitaza bakoresha ubwato butobuto bita ama «amavodoro» bavuga ko baguye mu gahundwe babonye intwazangabo irongoye abasirikare bari ku kirindiro caho i Gitaza itanze itegeko ryo gufata no kubasamburira ubwato. Ubwato bwasambuwe abo barovyi bavuga ko bushika umunani, ubutasambuwe nabwo bwarafashwe, kugira nyenebwo abusubizwe abanza gutanga amafaranga .
Abo basirikare ubwo bwato babusambuye , bavuga ko bushobora gutuma haba umutekano muke. Abo barovyi ivyo barabihakana bavuga ko basanzwe bafise inzego zibarongoye kandi banafise ivyangombwa nk-ama «badges».