INTERNATIONAL NEWS

Ubwato Bw’intambara bw’Ubushinwa Bwahatswe kugongana n’ubwa Amerika.

on

Mu gihe ibihugu bibiri bibandanya vyotsanya igitsure, navyo akaba ari Leta Zunze Ubumwe za Amerika n’Ubushinwa, haba mu butunzi no mu gisirikare ivyo bihugu bibandanya birabana ayingwe.

Igishiragihe kidasanzwe caraye kibaye ni ukuntu ubwato bw’intambara bw’Ubushinwa bwahatswe kugongana n’ubwato bw’intamabara bwa Amerika mu mazi y’Inyanza y’ubushinwa y’ubumanuko.

Ibinyamakuru hirya no hino kw’isi bitangaza ko mu gihe ‘ubwato bw’intambara bwa America(Destroyer) bwariko buraca mw’ayo mazi yo mu nyanza y’ubushinwa y’Ubumanuko, haciye haza ubwato bw’intambara bw’Ubushinwa maze buca burasatira cane ubwato bwa Amerika maze umu kapiteni wa Amerika aca ahitamwo guhindukiza ubwato kugira ntihabe ukugongana’.

Igihugu c’Ubushinwa kikaba kidakunda ubwato canke indege vy’intamabara vy’ikindi gihugu biza bica mwayo mazi ateye impari cane kandi aharirwako n’ibindi bihugu. Ariko rero Amerika ikaba yama yarungitse ibidege bikomakomeye bica hejuru y’amazinga yubatswe we n’Ubushinwa hamwe n’Ubuwato bw’intammbara.

Amerika ikaba imenyesha ko ifise uburenganzira bwo gucisha ubwato muri ayo mazinga hamwe n’ibidege vy’intambara kubera ari ‘amazi mpuzamakungu’. Ivyo navyo Ubushinwa bukaba buvyamirira kure.

Recommended for you