NEWS

Ubuyobozi Bw’Indero bugiye ‘guhagurukira abanyeshure bataye ishure’.

on

Mw’itangazo ry’ubushikiranganji bw’indero mu Burundi, ubwo bushikiranganji burashira ahabona ko bushikamye ku ngingo yabwo yerekeye abanyeshure bataye ishure canke bahevye ishure biga mu mwaka wa 9 bamaze gukora ca kibaza kibaha uburenganzira bwo kubandanya igice ca kabiri c’amashre y’isumbuye( concours national) ko ‘amanota yabo muri ico kibazo azoba impfagusa’.

Iyo ngingo ikaba iraba n’abanyeshure baronse amanota make mu ndero( Echec en education) ko ‘amanota yose bazoronka muri iyo Nconcours National ko azoba impfagusa’.

Iryo tangazo rikaba ryasinywe n’Umushikiranganji w’indero mu mashure mato mato n’ayisumbuye, Janviere Ndirahisha.

Recommended for you