NEWS

Ubuyapani bwatanze imfashanyo y’umuliyoni $ ku Barundi bashikirwa n’ivyago.

on

Igihugu c’Ubuyapani catanze imfashanyo ishika ku mafaranga y’umuliyoni w’amdolari y’Abanyamerika( ayashika imiliyaridi zitatu mu mafaranga y’Amarundi) kugira ngo Abarundi bashikirwa n’ibiza hamwe n’ivyago vy’ivyaduka bashobore kwitabwaho.

Ivyo bikaba vyamenyeshejwe na Isidore Ntirampeba akora mu bushikiranganji bw’Uburundi n’ayandi makungu kuri uyu musi wa kabiri.

Ntirampeba akaba amenyeshaja ko iyo mfashanyo izofasha abo bose bashikirwa n’ibiza hamwe n’ivyago vy’ivyaduka mu kubaronsa ivya nkenerwa mu guhangana navyo.

Ntirampeaba akamenyesha kandi ko abo Barundi bazoronswsa ibikoresho vy’isuku hamwe no kuronswa aho baba abarabaye mu kurindira gusanurirwa amazu yabo yatwawe n’ivyago vy’ivyaduka.

Igihugu c’Uburundi kikaba carugariwe n’ibihugu vya Buraya na Amerika ku bijanye n’imfasshanyo, ubu kikaba kibwirizwa gusaba mu bindi bihugu vya Aziya imfashanyo.

Ariko leta y’Uburundi ikabandanya ivuga ko yikwije naho Abarundi bamwe bamwe babandanya basemerera ko kigoyi irembeje bamwe bamwe.

Abihweza ibintu n’ibindi babona ko leta y’Uburundi yoza iremanga ko Uburundi bukenye maze amakungu agaterera kugira go Abarundi bamwe bamwe batagira icepfo n’icaruguru bitabweho.

Recommended for you