NEWS

Ubutungane bwasomye urubanza rw’igihano caciriwe Major Désiré UWAMAHORO

on

Major Désiré UWAMAHORO yaciriwe umunyororo w’ugupfungwa amezi atatu, abandi bari bapfunganwe bagirizwa ubunyonyezi bacirirwa gupfungwa imyaka itanu. Umwe wese muri abo baciriwe urubanza akazotegerezwa n’ukuriha ihadabu ry’amande agera ku muriyoni w’amarundi.

Urwo rubanza rwasomwe kuri uwu wa kabiri, aho akaba ari mu gihe abaseukiye Reta muri urwo rubanza bari basabiwe umunyororo w’umwaka umwe, ariko ubutungane bukaba bwamuciriye gupfungwa amezi atatu.

Uwo yahoze arongoye igiporisi kidasanzwe kijejwe kurwanya imigumuko yagirizwa ko yanyonyeje amafaranga agera ku bihumbi amajana abiri na mirongo itanu vy’amadorare y’abanyamerika (250 000 dollars américains).

Recommended for you