Sunday, May 28, 2023
HomeNewsUbutumwa bukomeye Imana yamurungikanye k'umukuru w'igihugu bwoba bwamenyekanye '' soma hano

Ubutumwa bukomeye Imana yamurungikanye k’umukuru w’igihugu bwoba bwamenyekanye ” soma hano

Umuvugabutumwa Mwongeye Theophile akomoka mu gihugu c’Urwanda avuga ko ubutumwa yari azaniye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza bufise umwanya utarenga uku kwezi kwa gatanu, ari naco gituma abandanya gusaba ko Petero Nkurunziza yomwumviriza.

Mwongeye Theophile, umuvugabutumwa wo mw’ishirahamwe ry’amashengero ya Pentecote mu gihugu c’Urwanda azokwiza iminsi indwi kuri uwu wa kane apfungiwe mw’ibohero ryo mu Kirundo, ku mvo z’amatohoza, inyuma y’aho asanze umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mu Kirundo, avuga ko afise ubutumwa bukomeye Imana yamurungikanye kugira abushikirize umukuru w’igihugu bari kumwe ari babiri gusa.

Abajejwe agateka ka zina muntu mu ntara ya Kirundo basaba ko hako uwo muvugabutumwa yogumizwa mw’ibohero, kandi vyaranse ko ashikiriza ubwo butumwa, ko yopfuma arungikirwa ubutungane, akavanwa muri iryo bohero apfungiwemwo kure y’umuryango wiwe. Amakuru dukura aho mu Kirundo amenyesha ko icariho c’umushikirizamanza muri iyo ntara yagerageje kugondoza umuvugabutumwa Mwongeye Theophile kugira amubwire ubwo butumwa afitiye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ariko aramwankira kuko avuga ko “Imana yamutegetse kuzobubwira umukuru w’igihugu bari bonyene.”

Mu gihe iminsi indwi yo gupfungirwa mw’ibohero ryo mu Kirundo izohera kuri uwu wa kane, bikavugwa ko ashobora kwungururizwa mw’ibohero rikuru ry’i Ngozi, mu gateka ka zina muntu bagasaba ko uwo muvugabutumwa yorekurwa agataha narirya ata caha kiramwagira, na kare ko afise uburenganzira bwo kwidegemvya muBurundi, igihugu kinywanyi ca Afrika y’ubuseruko, co kimwe n’Urwanda.

Sources : Igihe Burundi

Must Read