NEWS

Ubutegetsi bw’Ubufaransa bwagize ico buvuga ku makuru avugwa yo gusubira gufashanya n’Uburundi…

on

Mu gihe hagize imisi havugwa ko igihugu c’Ubufaransa coba casubiriye gufata ingigo yo gusubira gufasha leta y’Uburundi naho vyari vyahagaze kuva mu mwaka wa 2016, ubutegetsi bw’bufarsana bwaragize ico bubivugako.

Uwuserukira ubushikiranganji bw’imigenderanoire n’ayandi makungu w’Ubufaransa yabwiye ikinyamakuru TV5 Monde ko Ubufarsana butasubiriye gufasha leta y’Uburundi mu vy’amafaranga nk’uko bamwe bavyibaza.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bw’Ubufarsana bwamenyesheje ko ‘atari ugusubira kugiranira amasezerano yo gufashanya na leta y’Uburundi ahubwo ari ugufasha abanyagihugu’.

Nta n’ifaranga cumi rimwe rizoca mu kigega ca leta y’Uburundi…“, niko Ubufaransa bwamenyesheje.

Ubufaransa bukaba bwamenyesheje ko imfashanyo bugiye gufasha ibijanye n’indero mu Burundi bigiye kuzoza biraca mu mashirahamwe ategamiye leta , ONG, nka UNICEF aho guca muri leta y’Uburundi.

Ku bijanye no gufasha igisirikare c’Uburundi, Ubufaransa bukamenyesha ko nyabuna ari ‘imfashanyo y’ikigereranyo’ igenewe gusa abasirikare b’Abarundi baja mu bijanye no kugarukana amahoro mu bindi bihugu nka Somalia na Centre Afrique.

Uwo mushikiranganji yabajijwe na TV 5 Monde ko Ubufarasnsa butoba buhonyanaze ingingo zafashwe n’Ubumwe bwa Buraya mu mwaka wa 2016 yo guhagarika gufasha leta y’Uburundi kubera ukwagirizwa guhonyanga agateka ka zina muntu.

 

Recommended for you